Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruro yaraye atangaje ko imikino irangiye ku bakora imyiyerekano kuko ataco atakoze kugira akemure ibibazo ku neza ariko baranka.
Ruto agira ati:«Ntaco ntakoze.basavye gukuraho Finance bill ndayihagarika,nabasavye tuganire baranka,nabahaye akaryo ko kuvuga ivyo bashaka ubu rero birarangiye.imyiyerekano itegerezwa guhagarara vyanka bikunda!»ibi yabitanganje ku musi w’ejo igenekerezo rya 21 mukakaro 2024.

Inyuma yaho urwaruka rwo mu gihugu ca kenya ruhagurukiye rukaja mu barabara mu myiyerekano bivuye ku mafranga Leta y’ico gihugu yokoresheje mu mwaka wa 2024-2025 kuko hagaragaramwo iduga ry’amakori n’ama taxe,Umukuru w’igihugu ca Kenya yaraye atangaje ko ibintu birangiye ivyo imikino birahagaze.
William Ruto avuga ko yabahaye akaryo ko kuvuga ivyo bashaka arabihorera,abasaba ibiganiro baranka,bamusaba guhagarika finance bill aravyemera ariko babandanya kudurumbanya igihugu no guteza umutekano muke mu gihugu.kubwiwe avuga ko adashobora kwemera akavuyo mu gihugu kuko ibibazo biri mu gihugu bitorerwa umuti biciye mu nzira ya Democrasi kandi imyiyerekano itegerezwa guhagarara vyanka bikunda!
William ruto agira ati:« Ntaco ntakoze.basavye gukuraho Finance bill ndayihagarika,nabasavye tuganire baranka,nabahaye akaryo ko kuvuga ivyo bashaka ubu rero birarangiye.imyiyerekano itegerezwa guhagarara vyanka bikunda!»





Recent Comments