UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Twica Abantu benshi kumusi kandi gufata abagore kunguvu iwacu ntaco bitubwiye !

UBM News ads

Inkuru na:
MARCEL NTABWIZA,

Mundwi iheze Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu
Human Rights Watch,ryasohoye icegeraryo kivuga ko agateka ka zina muntu kaguma gahohoterwa n’abarwanyi ba M23 m’uburasira zuba bwa Congo.
Umukenyezi Corinne Dufka, umushakashatsi wa Human Rights watch yasiguye kur’ico cegeranyo.

Aravuga ko mukwakane harapfuye abantu 15 abandi 16 bapfa mu kwagatandatu.Aravuga ko M23 yafashe kunguvu abagore 60 benshi muribo akaba ari abana b’abakobwo bafise imyaka 13.Ntaramenya neza igituma bakora ububisha nkubwo ariko rimwe na rimwe babikora bagomba guhana imiryango batavuga rumwe,no mugutera ubwoba abene gihugu.

m23

Aravuga kandi ko abana b’Abanyarwanda batwagwa kunguvu muri M23 benshi muri bo babakura cyanecyane kumupaka muducye nka Gisenyi na Ruhengeri.
Mur’ico cegeranyo Corinne aremeza ko reta y’Urwanda ifasha M23 Inrya n’ibirwanisho.Aravuga ko mukwagatandatu M23 yagiye mugace kitwa Kiwanja isaka inzu kunzu ifata abasore 40 ibatwara kunguvu muri M23.Aravugako reta ya Congo ikwiye kugira iperereza kuba tegetsi n’abasirikare bose bafasha FDRL.Ntazi ko reta ya Congo ifasha FDRL ariko aremeza ko hari amasirikare babafasha kugiti cabo.

Coronel Kazarama arahakana ibivugwa na Corinne: “Ayo makuru bishoboka ko ayakura mumuhanda canke I Londre canke Kinshasa ayandi ayakura kuba Deserteur batagira moral” kuvyerekeye imfashanyo y’inrya , Kazarama avuga ko I gisharu ariho hambere hamera ubwo atanfashanyo y’inrya bokenera ziva mu Rwanda . Aravuga ko ibigwanisho bavyatse abasirikare ba reta ahitwa I buhagana amadepo na madepo , bageze I goma bafata izindi mbunda nyishi.

uwu niwe mushakashatsi wa Human Rights Watch ” Corinne Dufka ”

Ariko nubwo kazarama abihakana umu capitain wo mungabo z’urwanda yarungitswe muri M23 agahunga ubu ari muri Uganda avuga ko 95 % ba M23 ari abanyarwanda

Umwana wumuhungu nawe yahungiye muri Uganda avuye muri M23 aremeza ko muri kongo hari abana baba nyarwanda barenga 400
batwawe kunguvu muri M23.

Umunyeshure wa universite y’Urwanda ya butare bamufatiye mu Gisenyi n’abandi bane bagiye gusura uwundi munyeshure yiga kuri universite y’igisenyi .Umusirikare w’Urwanda w’ipete rya Lieutenant ari muri Uganda aremeza ko abo bana bafatwa ( mu Rwanda) akongera akemeza ko ari mubabigisha igisirikare.

Written by Marcel Ntabwiza

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments