Inkuru yanditswe na Marcel Ntabwiza
Ejo ho bukera umukuru w’umugambwe wa FNL Agato Rwasa azoyakirwa nigishika kinini n’Abarundi cancane abo mumu gambwe arongoye nubwo umushikira nganji w’intwaro yo hagati mu gihugu atavyemera.
Uwo mushikira ngaji avuga ko Rwasa azoyakirwa nk’umwene gihugu asanzwe,akavuga ko n’abazo mwakira bambaye imyambaro y’umugambwe bashobora kuzohanwa.
M’uruhande rw’Imigambwe itavuga rumwe na reta ADC ikibiri,baramwiteze n’igishika cinshi kuko baremera ko azofasha kutsimbataza Demokrasi y’Uburundi.
Umuvugizi wa ADC avuga ko umushikira ngaji w’intwaro yo hagati yivanga kuko FNL niyo izi uko babiteguye.
Recent Comments