UBM News ads

Tshisekedi yasubiye kuzana abancancuro bo muri Colombiya-Olivier Nduhungirehe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’imigendeeranire y’urwanda Olivier Nduhungirehe yemeza ko Félix Tshisekedi yasubiye kuzana abacancuro bava muri Colombiya kugira bamufashe urugamba,ibigiye kubangamira amasezerano y’amahoro hagati y’urwanda na RDC.

Aya makuru akaba yemezwa n’ikimenyeshamakuru “le journal Afrique”aho berekana integuro z’umugambi wa Félix Tshisekedi wo gukoresha abacancuro ba Colombiya mu kubohoza ibisagara vya Goma na Bukavu bigenzurwa na m23.

Mukiganiro yaraye atanze kumboneshakure ONE NATION RADIO5,umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’urwanda Olivier Nduhungirehe yemeje ko Amasezerano y’amahoro y’urwanda na rdc ashobora guhungabana kubera umugambi wa Tshisekedi wo kubandanya indwano.

Nkuko yavyemeje,Ubutegetsi bwa Félix Tshisekedi bwasubiye kwikora kubacancuro bo muri colombiya kugira bamufashe kurwanya umuhari m23 ibishobora kubangamira amasezerano y’amahoro hagati y’urwanda na Rdc yateweko umukono kuwa 27 ruheshi 2025 n’abashikiranganjib’imigenderanire ya Kongo n’urwanda.

Aya makuru kandi akaba yemeza n’ikimenyeshamakuri “le Journal Afrique”aho cerekanye mundwi iheze ingene ingabo za Fardc zirenga ibihumbi 7,n’abacancuro bo muri colombiya berekeza Gisagagara ca Uvira aho bivurwa ko hari urugamba rukomeye rwo kubohoza umuji wa Goma na Bukavu ubu bigenzurwa n’umuhari m23.

Muri Ruhuhuma 2025,abacancuro bo muri Roumanie basubiye mu gihugu cabo inyuma y’ifatwa ry’umuji wa Goma bakaba baciye mu rwanda berekeza iwabo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments