Nkuko vyemezwa n’ikimenyeshamakuru ” The Citezen Tanzania”,abarundi 25 baciriwe gupfungwa umwaka inyuma yo kubura ihadabu ry’ibihumbi 250 vy’amashilingi ya Tanzaniya baciriwe na sentare y’intango ya Kisutu kuwa 4 mukakaro 2025 inyuma yo gufatwa batagira ivyangombwa.
Aron Lyamuya arongoye iyo sentare ya Kisutu avuga ko abo Barundi bagirizwa kuba muri Tanzaniya ata vyangombwa bafise.

Kuri uyu wa 4 mukakaro 2025,sentare y’intango yaciriye igihano co gupfungwa umwa canke bakariha ihadabu ry’ibihumbi 250 vy’ama shilling ya Tanzaniya abarundi 25 bafashwe ata vyangombwa bagira bibemerera kuba muri Tanzaniya.
Nkuko vyemezwa n’ikimenyeshamakuri” the citezen tanzaniya”abo barundi ntibashoboye kuronka iryo hadabu baciriwe n’ubutungane bwa Tanzaniya ivyatumye baca bapfungwa umwaka umwe.
Amwe mumazina y’abo barundi nkuko bibandanya vyemezwa na The citezen Tanzania,ni :Manirambona Atanasi,Igirinya Elvis,Ndihokubwayo J.marie,Manariyo Ezekiel,Ndereyimana,Elvis n’abandi 20.
Nkuko vyemezwa na Aron Lyamuya arongoye iyo sentare y’intango ya Kisutu,abo barundi bagiriwe n’icaha kuba muri tanzaniya binyuranye n’amategeko kuko badafse ivyangombwa bibemerera kuhaba.





Recent Comments