UBM News ads

Tshisekedi asavye amahoro Paul kagame

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu nama Ya Gateway forum mu bubiligi,Prezida Tshisekedi asavye amahoro Paul kagame amanitse amaboko amwizeza ko aribo bonyene 2 bashobora guhagarika izi ntureka hakaboneka amahoro arama.

Tshisekedi agira ati:”usabwa gukora ikintu kimwe gusa:bwira M23 ushigikiye ihagarike ibitero nanje nditeguye kuganira nawe”.

Mu nama igira 2 ya Gateway forum iri kubera mu bubiligi prezida Tshisekedi yasavye amahoro amanitse amaboko abwira Paul kagame ko hageze ko haboneka amahoro hagati y’urwanda na Kongo.

Tshisekedi yamenyesheje ko iyi ntambara imaze imyaka ihitana inzirakarengane hageze ko ihagarara kandi ko prezida Paul kagame na Tshisekedi aribo bonyene bo kuyihagarika.

Ariko ico yasavye Paul Kagame n’ukubwira Umuhari m23 ushigikiwe n’urwanda uhagarike ibitero.

Agira ati:”biroroshe usabwa kwegera m23 ihagarike ibitero,ndahari umwanya wose kugira tuganire.”

Prezida Tshisekedi akaba yaciye avuga ko iciyumviro co gusabira ibihano Paul kagame abaye abiretse akarindira ico Paul kagame aza kuvuga.

Iki gisabo ca Tshisekedi kiragoye kuko nubu umuhari m23 ukomeje kwagura uburere bwishi mbere bakamenyesha ko bashaka kubohora igihugu cose,indwano zikaba nubu zikomeje.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments