Tanzaniya: Ubwoko bushasha bw-ikiza ca Covid-19 bwaraye butowe ku bantu babiri.

0

Abahinga muvy-ubuvuzi mu gihugu ca Tanzaniya bamenyesha ko kurwanya umugera wa Covid-19  muri ico gihugu bigiye kuba amananiza  bitewe n-ubundi bwoko bushasha bw-ico kiza  bwaraye butowe ku batanzaniya babiri.Is Tanzania covering up the real number of coronavirus deaths? | Coronavirus  pandemic News | Al Jazeera

Nkuko tubishikirizwa n-ikinyamakuru The Citizen co mu gihugu ca Kenya,  Abo bajejwe amagara y-abantu mw-ico gihugu bavuga kandi ko  ubwo bwoko bushasha bushobora kwiha inkumbi  nyrirya benshi mu banye tanzaniya barahiye kwiteza urucanco rwa Covid-19.

Ari mu nama yo guhimiriza abarwaye Cancer ngo biteze urucanco rwa Covid-19, Uwurongoye kaminuza y-i Buhimbiri aho muri Tanzaniya, yamenyesheje ko  inzira yo nyene yofasha kurwanya  ubwo bwoko bushasha bw-ako karanda  ari ukwiteza urucanco rwa Covid-19 , ivyo ariko bikaba bititaweho n-aba Tanzaniya.  Mu gihe rero abo batanzaniya  batowe ubwo bwoko bushasha  bwa Covid-19 igihe bariko bagana mu gihugu ca Angola,  Abasanzwe bakora ingendo muri Tanzaniya n-uburundi bavuga ko n-uburundi  bugeramiwe kubera uruja n-uruza  rw-ingendo z-abanyagihugu ziguma zikorwa hagati y-uburundi na Tanzaniya ata nkomanzi.