Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yarahaye umubonano kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 gitugutu 2021 umurwi w-abarwizatunga bakomoka muri Leta Zunze ubumwe za Amerika, Bakaba baje barongowe na Charles Hoskinson. Bimwe muvyo baganiriye akaba aruko abo barwizatunga bipfuza gukorera mu gisata kijanye n-ubuhinga bwa none maze kikazofasha mu gukora ikarata karangamuntu izoba ikozwe mu buhinga bugezweho bwa none bita mu rurimi rw-igifaransa ˮ carte nationale d-identité biometrique‟.
Isosiyete y-abo barwizatunga izokora iyo karata karangamuntu yitwa IOHK, ikaba ifise uburambe muvyo gukorera mu buhinga bwa none, mu gufasha urwaruka n-abakenyezi mu kwitunganiriza imigambi yabo. Charles Hoskinson arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko IOHK arongoye izofasha kandi mu gushiraho ivyo bita ˮ base des données ‟ mu gikorwa cimirije mu mwaka w-2022 ca rusansuma rw-abantu ,uburaro, uburimyi n-ubworozi.
Tubamenyeshe ko iyo karata karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none yari yashatswe ko itangura gukoreshwa mu burundi mu mwaka w-2014 aho ndetse n-abantu bambere bari bamaze kwiyandikisha kugira bayironke mu nyuma ico gikorwa kica kiba kirahagaritswe bitewe nuko hari bamwe mu banyepolitike babona ko hoshobora kuberamwo mw-iyo karangamuntu nshasha ubusuma bw-amatora yo mu mwaka wakwirikira w-2015.
Recent Comments