Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsHoba hagiye gutangwa mu Burundi ikarata karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none?

Hoba hagiye gutangwa mu Burundi ikarata karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none?

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yarahaye umubonano kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 gitugutu 2021 umurwi w-abarwizatunga bakomoka muri Leta Zunze ubumwe za Amerika, Bakaba baje barongowe na Charles Hoskinson. Bimwe muvyo baganiriye akaba aruko abo barwizatunga bipfuza gukorera mu gisata kijanye n-ubuhinga  bwa none maze kikazofasha mu gukora ikarata karangamuntu  izoba ikozwe mu buhinga bugezweho bwa none  bita mu rurimi rw-igifaransa ˮ carte nationale d-identité biometrique‟.

Isosiyete y-abo barwizatunga izokora iyo karata karangamuntu yitwa IOHK, ikaba ifise uburambe muvyo gukorera mu buhinga bwa none, mu gufasha urwaruka n-abakenyezi mu kwitunganiriza imigambi yabo. Charles Hoskinson arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko IOHK arongoye izofasha kandi mu gushiraho ivyo bita ˮ base des données ‟ mu gikorwa cimirije mu mwaka w-2022 ca rusansuma rw-abantu ,uburaro, uburimyi n-ubworozi.

Tubamenyeshe ko iyo karata karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none yari yashatswe ko itangura gukoreshwa mu burundi mu mwaka w-2014 aho ndetse n-abantu bambere bari bamaze kwiyandikisha kugira bayironke mu nyuma ico gikorwa kica kiba kirahagaritswe bitewe nuko hari bamwe mu banyepolitike babona ko hoshobora kuberamwo mw-iyo karangamuntu nshasha  ubusuma bw-amatora yo mu mwaka wakwirikira w-2015.

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments