Mu gihugu ca Tanzania ibitangaza biguma vyibonekeza kuko murino minsi hari umwana yitwa Shaaban Maulid w’imyaka 16 y’amavuko yapfuye mu mwaka wa 2011 ndetse aranahambwa ariko none nyina wiwe amuvyara yamubonye ari muzima.
Nk’uko vyatangajwe n’kinyamakuru GPL gikorera muri Tanzania, bo bavuze ko kuzuka k’uyu mwana witwa Shaaban Maulid ko bikomeje gutangaza abantu benshi cane kandi ngo benshi muribo kugeza nubu ntabwo baremera neza ko uyu mwana wazutse kwari we nyawo kuko ubu bamwe bariko baravuga ko uwo mwana yagarutse mumuryango ko yoba ari umuzimu.
Uno muhungu Shaaban yarapfuye ahambwa mu kwambere mu mwaka 2011 ariko ikintu gikomeje gutangaza benshi nuko murino misi ariho yabonekana ari muzima, mugabo nubwo bamubonye ari muzima ngo kugira ngo arekure ijwi avuge ngo vyaca kure cane.
Mu myaka ibiri iheze uwo muhungu apfuye, abantu benshi bashitse kumaziko yiwe kugeza nubu ntabwo baremera neza ko uyo mwana yahambwe kwariwo yazutse kuko bahisemwo kuja kuzura inva bari bahanvye kugirango barabe ico baza gusanga indani.
Ibi Nivyo basanze mukaburi aho bari baramuhanvye !
Ibitangaza vyahakorekeye bariko barazura inva : Bagitangura kwimba inva kugira barabe ivyo baza gusangamwo, ako kanya nyene hahise haza imbwa batazi iyo ivuye itangura gusimbagurika iri kurako kaburi ikindi naco nuko hari umugore yitwa Sharifa Hitler yaguye hasi atakaza ubwenge ariko inyuma yiminota mi 20 yahise agarura ubwenge.
Muri Tanzania ivyo ntabwo ari ubwambere bibaye kuko umugore azwi kwizina rya Flora Onesmo wimyaka 45 yabonetse mu kwa kane kuno mwaka ari muzima kandi yari yarapfuye mu 2008, nubwo biriko kandi uwo mwana w’umuhungu nawe aheruka kuzuka ( Shaaban Maulid ) ubu ari mubitaro akaba ariko arakorerwa ibipimo naba Doctor bo muri Tanzania ” Sources by GPL ” Eric Nyandwi
Recent Comments