UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Breaking News : Iyi niyo nrwara ibabaje kandi ikomeye ikomeje kubuza amahoro Kidumu !

UBM News ads

Umuririnvyi rurangiranwa w’umurundi akundwa cane muri Africa hamwe nahano muri Leta Zunze ubumwe za America ” Kidumu ” ubu ubuzima bwiwe ntibworohewe kuko ubwiwe yamenyesheje aba Fans Biwe ko agiye gukorerwa Operation kumvo z’ikibazo c’uburwayi bwo mu mihogo afise.

kidumu

Mumajambo make yagize ati : Ndahagaritse ibikorwa vyanje vyose vyumuziki bivanye nuko bisabwa nkorerwe Operation na Doctor , ubwo ndabasaba ko mwonsengera mwese.

Ntivyagarukiye ngaho kuko yabandanije agira ati : Mana ushobora vyose ! Ntaco natanze kuri wewe ngo mvuke ndi muzima ,ntaco naguhaye ngo umpe ijwi nongere ntungwe naryo mukuririmbira amakungu yose aho ava akagera , hari benshi bavukanye ubumuga bwinshi butandukanye kandi arinabo bama bari imbere kugusenga no kugushimira kukuntu wama ubagirira neza bongera bahayagiza ubwiza bwawe Mana y’imbabazi .Ndishize mubiganza vyawe niwewe uzi igituma ibi vyose biraka biraba . Niwewe uzi imigambi ufise kuri jewe . Nibibe nkuko wewe ubishaka ntibibe nkuko jewe nshaka ! Imana ihabwe icubahiro ! ”

Ku munsi w’ejo niho umuririmvyi Kidumu yagiye kubonana n’umuganga mukuru w’ibi bitaro vya Kenyatta biri mu gihugu ca Kenya, aho uyu muganga Kioni amaze kubona uburemere bw’indwara afise yaciye afata ingingo yuko uyu muririmvyi ategerezwa kubagwa.

UBMNews twifatanije nuno muririnvyi kandi tukaba twizera ko mumisi itari mike ko azoba yasubiye kumirimo yiwe yamisi yose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments