UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Swissmed International, ishirahamwe rifise umutahe munini mu bitaro KIRA risaba ko Dr Christophe SAHABO yorekurwa vyihuta.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe mpuzamakungu Swissmed International, ari naryo rifise umutahe munini mu bitaro KIRA HOSPITAL  rirajwe ishinga n’ifungwa rya muganga SAHABO Christophe  yahoze arongoye ivyo bitaro. Mu rwandiko abashingwamanza b’iryo shirahamwe bandikiye uwurongoye urwego nshingwantwaro rwa KIRA HOSPITAL , Charles Ndagijimana , bavuga ko ifungwa rya SAHABO Christophe riciye kubiri n’amategeko . Basaba nyabuna ko yorekurwa mu maguru masha .Image

Muri urwo rwandiko, ruvuga ko Christophe SAHABO yafunzwe atamatohoza akozwe,ivyo navyo bikaba biciye kubiri n’amategeko . Umushingwamanza aburanira iryo shirahamwe akaba amenyesha ko itanga imihoho rya muganga SAHABO mu mabanga y’umuyobozi wa KIRA HOSPITAL ryabaye ku gitsure n’iterabwoba. Urwo rwandiko rubandanya ruvuga ko iryo shirahamwe ari naryo rifise umutahe munini ritemera na gatoya ingingo yafashwe n’urwego nshingwantwaro rwa KIRA kuva kw’igenekerezo  rya mbere ry’ukwezi kwa Ndamukiza 2022 . Izo ngingo zikaba zafashwe mu gihe abafise imitahe minini minini mw’ivyo bitaro batarimwo, nkuko uwo mushingwamanza abandanya avyandika.

Urwo rwandiko rwateweko umukono n’umushingwamanza Serges Rouvinet, ruratera ivyatsi ikete yanditswe kw’igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2022 n’uwurongoye urwego nshingwantwaro  rwa KIRA aho Charles Ndagijimana yashoboye gusubiriza abantu babiri bahora mu rwego nshingwantwaro  bitwa ko batanze imihoho , ivyo ngo bikaba vyabaye habanje kuba ihonyangwa ry’amategeko.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments