Abasirikare ba ONU bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (MONUSCO) bakoresheje indege za kajugujugu n’inkoho za muzinga guhera kuri uyu w-Imana gushika kuri uyu wa mbere mu kwinjira mu ntambara iriko ihuza umuhari M23 hamwe n’abasirikare ba Leta.![]()
Nkuko tubisoma ku rubuga rwa Twitter, MONUSCO ivuga ko M23 yabateye , ikanatera ingabo za Leta ahitwa Shangi ni muri teritwari ya Rutshuru ariko ko «kubera ubutwari bw’ingabo za ONU , zasubije ivyo bitero»
Umuhari M23 uvuga ko kuri uyu w’Imana mu bucagucagu , ariwo watewe n’ingabo za Leta zifadikanije n’abarwanyi ba ba MAI-MAI na FDRL , maze MONUSCO ikinjira mu mirwano na za kajugujugu.
Ariko aganira na radiyo BBC, Major Willy Ngoma , umuvugizi wa M23 yabwiye iyo radiyo y’abongereza ko kuva isaha icumi z’igitondo no kuri uyu wa mbere, ingabo za M23 zabandanije kubwako ibitero na MONUSCO ndetse n’ingabo za Leta hamwe n’iyindi mihari y’abarwanyi birimwo kuyifasha.





Recent Comments