UBM News ads

Samia Suluhu yahagurukiwe bimwe bikomeye ! ikiringo ashobora kutazokimara mu mahoro

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Tanzania mu bijandijandi yamara bitera bikomera. Samia kiretse ko imiryango mpuzamahanga yamuharukiye ivyiwe mu kwezi kuza bishobora kuba iyindi ntango y’imyiyerekano. Azohava canke azorekura ? Ikiringo ca 2 kizoba kirekire kuri we.
Igihe habonekeye umwana wiwe ubu yasizeho ahandi mu muryango :

1. Muramu wiwe ni umushikiranganji w’ikigega ca Leta
2.Umukwe umushikiranganji w’amagara y’abantu
3. Samuragwa umushikiranganji wo kwivuna abansi
4.Umwuzukuru icegera c’umushikiranganji w’akazi
5.abana biwe umwe ni umushingamateka uwundi icegera c’umushikiranganji w’indero

Ariko atari akaroge mu muryango wiwe niho abona hari unca bwenge gusa ? Vyobura gutera induru ? Afrika y’epfo ubu ntibarabana neza ko imwagiriza ko ari umukuru w’igihugu atemewe yishizeho hadakurikijwe amategeko. Bamusaba gusubiramwo amatora.
Tanzania ubu ivuga ko ari kwirukana impunzi z’abarundi kunguvu ko gushika ubu aremeza ko abagumuka ari abohanze ya Tanzania. Abarundi bo baribasanzwe babangamiwe. Ejo igisirikare uyu mu maman kizohava kimushira muzabukuru kandi bizoba bitanguye mu karere.
None abatware ko bumva amatwi yokeje biva kuki ? Abantu baragandaguritse ubu ari mu ngorane zimurenze ho kubaka igihugu baragituriye. Ubu na dossier ya Magufuli ko ariwe yamuhaye ubuyi bushushe yavyutse. Ibizovyuka mu karere vyo ni vyinshi . Reka turindire hirya ya kanyaru itangazo Paul aza gusohora mu mwanya

Imana ikingire incuti z’Uburundi na sebarundi abandanye yitorera ubutare buvamwo icuma muri 2025 , kera birya bacura kuri basokuru ngo vyari ibikarato ko umukuru w’igihugu général Neva yaraye avuze afise abahungu bavumbuye ubutare bwa Fer. Abize kahise bazoze bibutsa ko hari amacumu bakoresha kuva kera yari mubutare kandi atari ibikarato. Muga CNDD yavuze ko igihugu catanguye muri 2005 nako.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments