Tuesday, September 27, 2022
HomePoliticsRévérien Ndikuriyo asezeranira imbonerakure ko zigiye kurungikwa hanze y'igihugu guhiga ubuzima.

Révérien Ndikuriyo asezeranira imbonerakure ko zigiye kurungikwa hanze y’igihugu guhiga ubuzima.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, Réverien Ndikuriyo ahamagarira urwaruka rw’imbonerakure kugenda zemye  ko kandi zitegurire kurwanira igihugu. Uwo arongoye CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu agasezeranira izo mbonerakure ko zigiye kurungikwa hanze y’igihugu mu ntumbero yo kurondera ubuzima. Révérien Ndikuriyo yabishikirije kuri uyu wa gatandatu kuri uyu wa gatandatu muri komine Buganda igihe yariko atanga impapuro bita «certificat» ku mbonerakure zari zimaze imisi mu nyigisho zatunganijwe n’uwo mugambwe.Image

Mw’ijambo ryiwe, Réverien Ndikuriyo yahamagariye imbonerakure kugenda zemye anazibutsa ko umugambwe wabo CNDD-FDD atari umugambwe usanzwe kuko kubwiwe ngo wavuye mu maraso. «Mbonerakure! mwemere mupangwe muga ntihagire uwipanga, uwipanga bazomupangura!  Mutegerezwa guhagarara neza igihugu kirarwanirwa abenegihugu barakingirwa n’indongozi ziracungerwa umutekano. Uyu mugambwe sicokimwe n’uwundi . Irya migambwe nyimba bagenda kurondera mu bushikirakanganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu  kubera imigambwe myishi ije. Uyu ni umugambwe wavuye mu maraso!»

Uwo arongoye umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu asezeranira rero izo mbonerakure ko zigiye kurungikwa gukorera hanze y’igihugu kugira zirondere ubuzima. Ndikuriyo ati :«Mbonerakure turabakeneye ejo! Ibi vyokwinzingira mu Burundi ku birometero kwadarato 27.834 bigahagarara  mukagenda kurya basogokuru bagenda i Manamba guca amahera. Tukaja i Manamba bipanze! Tukaja kurondera amahera! (…) Amasezerano menshi turiko tuyasinyiranira n’ibindi bihugu turakeneye abazogenda muga bapanze bagenda bafise imico n’imigenzo babizi neza»

Must Read

Uganda: Abantu 23 nibo bamaze kwicwa na Ebola (OMS).

0
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n'ikiza ca Ebola kikomoka...