Icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Congo ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu , Christophe Lutundula yarakoranije kuri uyu wa mbere abaserukira muri Congo ibihugu vyamaho mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano. Ikibazo kijanye n’intambara iriko ikorwa n’umuhari M23 mu buseruko bw’ico gihugu uwo nawe bivurwa ko ushigikiwe n-igihugu c’urwanda, kikaba arico cariko cirwako mw’iyo nama. Uburusiya bukaba bwasabwe n’uwo mutegetsi wa Congo kushigikira ico gihugu muri ONU mu kwiyamiriza iryo shigikira ry’urwanda kuri M23.
Kubijanye n’ivyo uburusiya bwasabwe na Congo, Uwuserukira uburusiya muri Congo Ambasaderi Victor Tokmakov yabwiye abamenyeshamakuru uku gukwirikira:« Yatubwiye ivy’ifatwa ry’umuji wa Bunagana. Yasavye ko twotera ivyatsi ingendo y’urwanda mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kubera ruriko rushigikira M23. Tugiye gushikana ubutumwa hejuru kubadukurira bashobora gufata ingingo»
Victor Tokmakov akaba yizeje igihugu ca Congo ko igihugu ciwe kibandanya gishigikira Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu ntumbero yuko akarere ko muri Congo y’ubuseruko koza karonka amahoro ndetse no mu karere k’ibiyaga binini muri rusangi.
Tubibutseko ko bitewe nuko igihugu ca Congo cagiriza Urwanda kuba ruriko rushigikira M23 hama Urwanda narwo rukagiriza Congo kuba ruriko rukorana n’umuhari FDLR (wagirizwa gukora ihonyabwoko mu Rwanda mu mwaka wa 1994) mu gukora ibitero ku butaka bw’urwanda, Ivyo bihugu bibiri ubu birabana ay’ingwe haraciye imisi mike.





Recent Comments