Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike muri Republika iharanira demokarasi ya Congo mu karere ka Ruzizi La societé force vive de Sange et ses environs aremeza ko ingabo z-uburundi zimaze igihe zinjira ku butaka bw-ico gihugu. Uwuserukira urwo runani rw-ayo mashirahamwe KIDUMU Musegetera amenyesha ko baza mbere barandikiye ikete umukuru w-igihugu Felix Tshisekedi kugira atange insiguro ku bijanye n-ivy-abo basirikare b-uburundi bavogereye ubutaka bwa Congo. Bagategekanya guhamagaza imyerekano ari nka hamwe ata nyishu itomowe bohabwa.
« kubw-amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahurikiye mu kiyaya ca Ruzizi tubwirwa n-abanyagihugu ko bariko barabona abasoda binjira mu gihugu cacu .Tugenda tubona ingabo za Leta y-uburundi zinjira iwacu ariko kandi harimwo n-iyindi mirwi y-abarwanyi. Twarandikiye umukuru w-igihugu cacu kugira adusobanurire kuko ivyo vyose n-ingorane ziza zisinzikaza abanyagihugu ba Congo. Turiko turagerageza kwereka umukuru w-igihugu ivyo ajejwe. Mu gihe batazoba baduhaye inyishu tuzorungika intumwa i Kinshansa kubonana n-umukuru w-igihugu. Aho naho, atwankiye tuzoheza twibeko, tuzotunganya imyiyerekano inyuma y-imisi mikuru, ivyo bikazotuma mu butumwa twari dukeneye kubashikiriza aca aburonka» Niko Kidumu Musegetera aserukira urwo runani rw-amashirahamwe asigura.
Urwo runani rugatinya ko mu misi iri mbere abo basirikare b-uburundi bashobora kuzohohotera agateka k-abanyagihugu mu burere bagenda baracamwo.« …iyo habaye imirwi y-abitwaje ibirwanisho yinjiye mu banyagihugu yaba iy-abene agataka canke iyiza iva hanze birahungabanya umutekano w-abanyagihugu , haraba ubusuma bw-ibitungwa hirya no hino no mu kiyaya ca Rusizi hadasizwe inyuma. Harabamwo n-abantu bicwa twama twabibonye nico gituma turiko tutabariza umukuru w-igihugu agire ico akoze» Niko Kidumu abandanya avuga.





Recent Comments