UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga ko ONU atariyo yemeza ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu 1972.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha ko atari ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe kwemeza ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu mu mwaka w-1972 kuko ku bwiwe, ngo igihugu c-uburundi ni igihugu cikukiye gifise amategeko , kigendera ku mategeko . Nico nyene kiraba ingene amategeko aja mu nzira , uwuyarenzeko maze agahanwa. Perezida Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatatu igihe yariko yishura ku kibazo kijanye nuko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariryo ryoba rigiye kwemeza canke rigahakana ubwicanyi bwabaye mu mwaka w-1972 ko ari ihonyabwoko.Image

Evariste Ndayishimiye asigura ko igitabo mpanavyaha c-uburundi gihana neza ihonyabwoko , «amakungu siyo mucamanza  wuburundi »niko abandanya asigura. Kubwiwe akavuga ko ivyo arivyo abantu bama bihenzeko. Yagiriyeko yiha akabazo kavuga uku :«Ubu rero umuntu yagirijwe ubwicanyi , umuntu yahohotewe hanyuma ubutungane bugafata uwamuhohoteye, none amakungu niyo azoza kuraba ko habaye torture ?»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments