Rdc yaraye itwaye igikombe ca Chan mu gutsinda Mali

0

Umugwi nserukira gihugu wa congo usanzwe umenyerezwa na floran Ibenge waraye utwaye igikombe ca Chan mu gutsinda mu rukino rwa nyuma mu gutsinda umugwi wa Mali ibitsindo 3-0.
congo yaraye itwaye chan

Urukino rawri rwitabiriwe n’abakunzi benshi,aho umugwi wa Congo vyabonetseko urusha umugwi wa Mali,ibitsindo vy’umugwi wa congo bikaba vyatsinzwe na Meschack Elia yatsinze bibiri ndetse na Jonathan Bolingi yatsinze igitsindo ca 3,igitsindo caje guca intege abakinyi b’umugwi wa Mali.
kimwaki aterura igikombe

Tworangiza tubamenyesha ko Congo uciye wiyandikishiriza amateka muri iryo higanwa kuko uciye ukwiza ibikombe 2 akaba atawundi mugwi ufise ibikombe 2.