Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsRDC: Uhuru Kenyatta yashavujwe n’abitabiriye ibiganiro vy’i Nairobi ku nyifato berekanye.

RDC: Uhuru Kenyatta yashavujwe n’abitabiriye ibiganiro vy’i Nairobi ku nyifato berekanye.

Icuka ciriwe ari kibi ku kagoroba ko kuri uyu wa mbere ahariko habera ibiganiro ku murwa mukuru wa Nairobi mu ntumbero yo gutorera umuti ku ntambara zimaze igihe mu buseruko bwa Congo. Abaserukira imirwi itandukanye y’abakongomani bari mw’ivyo biganiro bashavujwe n’uko amafaranga bari biteze ahabwa abitabiriye ibiganiro batari bwayabone yose . N’agashavu kenshi, Umuhuza mu matati y’abanyekongo Uhuru Kenyatta atangaza ko atabona ico bohera ayo mafaranga ku bantu badashoboye gutunganya ibiganiro ku buryo bwiza.

Mu gihe kuri uyu wa mbere ariho vyari vyitezwe ko umuhuza Uhuru Kenyatta asozera ibiganiro , Abaserukiye cane cane imirwi y’abarwanyi bahisemwo kwanka kwinjira mu kibanza babwirizwa kwumviririzamwo ijambo ryo gusozera. Abandi baserukira imirwi itandukanye y’abakongomani bamenyesha ko bari biteze perezida Tshisekedi ahaseruka ariko ntiyahahonyoje ikirenge. Akaba kuri uyu wa kabiri, ariho hategekanijwe ko abitavye ivyo biganiro basezerwa bamaze kugira ico bapfunditse.

Kubera iyo nyifato yaraye yerekanywe n’abo bitabiriye ibiganiro mu kwanka kwinjira mu kibanza babwirizwa kwumvirizamwo ijambo ryo gusozera ivyo biganiro, Umuhuza Perezida Ukuru Kenyatta n’agashavu kenshi yagize ati:
“Nditeguriye kuvuga imbere y’isi yose: Ntimugahe amafaranga kw’abo bantu mu gihe badashoboye gutunganya ibiganiro mu buryo bwiza. Ayo mafaranga ntabwo yagenewe bo ahubwo yagenewe mu kurondera amahoro mu buseruko muri Congo”

Ivyo biganiro vyo ku ncuro ya gatatu, vyari vyitabiriwe n’abantu bagera ku 200 baje bava mu ntara zitanu z’uburasirazuba bwa Congo . Kuri iyi ncuro ya gatatu, Umukuru w’igihugu ca Congo , Felix Tshisekedi ntiyavytabiriye nyabuna yahisemwo kurungika intumwa yiwe idasanzwe, Serges Tshibangu .

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....