Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsRDC: M23 yemeye guhagarika intambara no gusubira ku birindiro vyayo vya kera.

RDC: M23 yemeye guhagarika intambara no gusubira ku birindiro vyayo vya kera.

Umuhari M23 wemeye guhagarika intambara ndetse no kurekura ibice vyose uherutse kwigarurira biri mu buseruko bwa Congo, mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Itangazo ryo kuri uyu wa kabiri ryasohowe n’umuvugizi wa M23 ajejwe ibibazo vya politike, yavuze ko yemeye kwubahiriza ivyafundikiwe mu biganiro vyabereye i Luanda mu gihugu ca Angola kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2022, “nubwo itari yatumiwemwo”.
Lawrence Kanyuka yagize ati :”Bivanye n’iyubahirizwa ry’ivyapfunditswe, M23 yiteguye guhagarika intambara no gusubira inyuma, n’ubwo itahagarikiwe muriyo inama. M23 ishigikiye ubufasha bw’akarere mu kugarura amahoro arama muri Congo”

Gusa M23 yasavye guhura n’ingabo z’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, EAC ziri mu gisagara ca Goma. Yasavye kandi guhura n’umuhuza mu matati y’abanyekongo ,Uhuru Kenyatta hamwe na Perezida wa Angola,Joao Lourenco asanzwe ari umuhuza mu matati ari hagati ya Congo n’urwanda.
Ibice M23 yasabwe kurekura birimwo:Bunagana, Kiwanja hamwe n’umurwa mukuru wa Rutshuru , maze igasabwa gusubira mu birindiro vya kera .

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....