Umuvugizi w’umuhari M23 yaraye akuriye inkoni ku gishitsi ku bibwira ko M23 igiye kuva bwa vuba mu burere bwose imaze kwifatira. Major Willy Ngoma akavuga ko hari abantu batahuye ukutariko itangazo riheruka gusohorwa kuri uyu wa kabiri n’umuvugizi wa M23 mu gisata c’uwo muhari ca politike. Willy Ngoma akavuga ko biteguriye kuva mu burere bafashe gusa ko batabona iyo bazoba bagiye hamwe n’ivyo bazoba bagiye gukorayo.

Mu masanamu yadushikiriye kuri uyu wa gatatu aho Willy Ngoma yariko aganirana n’abanyagihugu bo muri teritwari ya Rutshuru, yatangaje ko biteguriye kugenda bakava mu bice bigaruriye , gusa akagaragaza ko bakwiye kwerekwa aho bagomba kuja. Willy Ngoma yabivuze uku:
“Abantu basoma umutwe w’ikete gusa, ntibasome gushika hepfo. Twaravuze ngo turiteguye, twebwe M23 guhagarika urugamba , tukabika ivyacu tukagenda . Turiteguye, nanje namaze gupfunga ivyanje hano. Turumvikana? Twiteguye kubika ivyacu tukagenda, Ariko tugiye kuja he? Gukora iki? Ahantu hacu twafashe tuhasigire nde? Tuzohasigira FDLR? Tuzohasigira FDLR ize yice abanyagihgu bacu?”
Major Willy Ngoma avuga kandi ko mu butumwa bageneye abahuza mu kibazo ca Congo , ari uko “iyo abantu babiri barwana , udashobora kwumviriza umwe gusa, utegerezwa kubumviriza bose”. Akavuga kandi ko nkuko Leta ya Congo iganira n’abahuza mu bibazo n’imirwi yitwaje ibirwanisho ko na M23 nayone ikeneye ko ijwi ryayo maze rigahabwa umwanya.





Recent Comments