Sunday, January 29, 2023
HomeUmutekanoIbindi biziga 14 vy’abasirikare b’uburundi hamwe na 17 bakomeretse baratahukanywe bavanywe i...

Ibindi biziga 14 vy’abasirikare b’uburundi hamwe na 17 bakomeretse baratahukanywe bavanywe i Congo.

Ibiziga vy’abasirikare b’uburundi bigera kuri 14 hamwe n’abagera kuri 17 baratahukanywe mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere rishira uwa kabiri muri ino ndwi turimwo. Abo basirikare bakaba baguye mu ntambara yabahuje n’umuhari FNL wa Gen.Aloys Nzabampema muri kivu y’ubumanuko, ni mu buseruko bwa Congo. Bamwe mu basirikare b’uburundi bavuga ko naho bagize urwo ruhombo rukomeye ku ruhande rwabo, bashoboye gukura muri bimwe mu birindiro abo barwanyi bahoramwo aho banavuga ko hari n’abarwanyi bahasize ubuzima abandi bagakomereka. Ivyo biziga vy’abo basirikare b’uburundi bije kwiyongera ku bigera ku munani hamwe n’abasirikare barenga 20 bakomeretse batahukanywe mu ndwi iheze na batayo ya 68 ya ATMIS.

Amakuru atangwa n’abasirikare bo muri batayo ya 69 ya ATMIS yarungitse abasirikare baja kuzana ibiziga vy’abasirikare hamwe n’abakomerekeye muri Congo ,bamenyesha ko batahukanye ibiziga 14 hamwe n’abakomeretse 17 . Ibiziga vy’abo basirikare vyaciye bijanwa mu buruhukiro bw’ikambi ya gisirikare bita DCA Passive iri muri zone Rukaramo bita Rwantanamo. Mugihe abakomeretse nabo baciye bajanwa kuvurirwa mu bitaro bitandukanye vy’i Bujumbura harimwo ibitaro vya gisirikare vyo mu Kamenge.

Abo basirikare baguye ku rugamba ahitwa Naombe na Bichaka mu mashamba ya Itombwe, ni mu ntara ya Kivu y’ubumanuko. Bariko barwana n’umuhari FNL wa Gen.Aloys Nzabampema . Amakuru ava mwa bamwe mu basirikare bari mw’iyo mirwano, yemeza ko no ku ruhande rw’umwansi yahatakarije vyinshi yongera arakwa ibirindiro vyiwe yahoramwo.

Ivyo biziga vy’abasirikare vyatahukanywe bije vyiyongera ku bindi 8 vyari vyatahukanywe mu ndwi iheze n’abasirikare yo muri batayo ya 68 ya ATMIS, abasirikare 23 bari bazanywe bakomeretse umwe yahavuye yitaba Imana aho yariko aravurirwa.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....