Umuhari M23 urwanya Leta ya Congo waraye wigaruriye ku kagoroba ko kuri uyu w’Imana akarere ka Rubaya kari muri teritware ya Masisi, mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Rubaya akaba ari igice gicukurwamwo ubutare bwa Coltan na Cassiterite busanzwe bukoreshwa cane kw’isi.
Inyuma y’isaha irenga hariko haba imirwano ikomeye hagati y’ingabo za Leta ya Congo, FARDC hamwe n’umuhari M23, Abasirikare ba Leta ya Congo bahavuye bayanyaga barahunga maze akarere ka Rubaya gaca karwa mu minwe ya M23 nk’uko ibinyamakuru bitandukanye vyo muri Congo bibivuga. Hari ayandi makuru avuga ko ingabo za Leta ya Congo ziriko zitsindwa cane na M23 mu ntambara zibahuza n’uwo muhari wa M23 kubera ko zisa nizacitse intege bitewe n’uko zitariko zishigikirwa ku rugamba:nta bifungurwa bikwiye zihabwa, agashahara k’intica ntikize,…
Ikinyamakuru Sos Médias Burundi kivuga ko kuva isaha imwe y’ijoro yo kuri uyu w’Imana abarwanyi ba M23 niho batangura kuboneka ku bwinshi mw’ako gace ka Rubaya.
Kuwa gatanu w’indwi twaraye dusozereye niho akarere ka Mushaki kigarurirwa burundu na M23 inyuma y’imirwano ikomeye yari imaze imisi iba ihuza uwo muhari hamwe n’igisirikare ca Leta ya Congo.