Umukuru w’inama nshingamateka y’uburundi asaba abanyagihugu bo muri komine Matongo, mu ntara ya Kayanza abo bishobora ko bofasha abanyagihugu b’i buraya kuko barembejwe n’inzara iki gihe ko uwufise utwo yobarungikira yo tubafashisha. Daniel-Gelase Ndabirabe yabivugiye mu bikorwa rusangi biheruka kubera muri komine Matongo, mu ntara ya Kayanza.
Uwo arongoye inama nshingamateka yabwiye abanya matongo uku :”I buraya inzara irabarembeje! Inzara irabarembeje!mufise utwo mubarungikira murabarungikira , naho coba n’ikiro c’ibiharage. None ndabeshe? abavuye I buraya baza bakanuye amaso, iyo basubiyeyo bati duhe, zana indagara, ibijumbu, ibiharage,zana iki,.. n’ivyo bagenda batekeye”
Daniel-Gelase Ndabirabe akaba kandi yabwiye abanya Matongo ko ifaranga ry’uburundi ryifashe neza ugereranije n’ayandi mafaranga yo mu bihugu vyo mu karere. Ku bavuga ko ifaranga ry’uburundi riguma rita agaciro ari abangushi kuko n’ikimenyamenya ngo abanyagihugu bo mu bihugu vyo mu karere baza kurangurira ku bwinshi mu gihugu c’uburundi.