Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsRDC: M23 yemeje ko Leta ya Congo iriko ikoresha abacangero b’abarusiya ...

RDC: M23 yemeje ko Leta ya Congo iriko ikoresha abacangero b’abarusiya ba Wagner mu guhangana nayo.

Mw’itangazo rirangiza umwaka twaraye dusozereye wa 2022 umuhari M23 wageneye abanyekongo , Uwo muhari wemeje ko Leta ya Congo iriko ikorana n’umurwi w’abacangero b’abarusiya ba Wagner kugira bahangane n’uwo muhari.
Bertrand Bisimwa arongoye M23 yabwiye abanyekongo ko umwaka wa 2022 warangiye nabi , inyuma y’imvururu zimaze igihe mu buseruko bw’igihugu cabo. Imvururu , M23 yagiriza Leta ya Congo kuba ariyo iri inyuma yazo bitewe nuko Perezida Félix Tshisekedi ayirongoye yananiwe no kurangiza ivyo yari yemereye abanyekongo igihe yiyamaza mu mwaka wa 2018. Muri ivyo, harimwo kurandurana burundu igiturire ndetse no gukemura ikibazo c’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo.

Mw’iryo tangazo, M23 yanamenyesheje kandi ko ″Leta ya Congo atabwo iriko ishaka amahoro, ndetse ko iriko ishaka intsinzi ya gisirikare ku kiguzi ico arico cose‟ kubera ko iyo Leta yafashe ingingo yo guha ibirwanisho bishasha hafi 400 hamwe n’amasasu yavyo ku mihari irimwo FDLR na Mai-Mai imaze igihe ifashanya kurwana n’ingabo za Leta ya Congo, FARDC.

M23 ikaba yamiriye kure ivyo kwikorako kwa Leta ya Congo ku bacangero ba Wagner kugira bayifashe gutuza uwo muhari. Uwo muhari ukavyemeza ufatiye ku makuru waronse avuga ko hari abacangero ba mbere bo mu murwi wa Wagner washitse i Goma mu mpera z’umwaka twaraye dusozereye.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....