Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yagiriza abanyagihugu arongoye ko barira amatama yose ntibibuke kuziganya, ari navyo bituma ibiciro vy’ibifungurwa vyama biriko biraduga ukwo bwije ku masoko. Evariste Ndayishimiye akavuga kandi ko ku bwiwe , atigera amenya ko ibiciro vyaduze kuko arima akimbura akagira n’ivyo aziganya.
Mu kiganiro yagiranye n’abanyagihugu mu ntara ya Kirundo hari mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama mu mwaka wa 2022, Perezida Ndayishimiye yagize ati :″…Umuti w’iduga ry’ibiciro, umuntu wese nakore. Jewe nkubu wibaza ari ryari menya ko ibiciro vyaduze kw’isoko ? ko nisoromera iwanje.None mwese hari umuntu numwe adafise aho avuka, yorima iwe?‟
Umukuru w’igihugu c’uburundi yarongeyeko arananebagura abarundi basesagura imyimbu yabo baba baronse bagaca bayishora, arivyo bigaruka kandi bigatuma habura ibifungurwa ku masoko ibibonetse navyo ku buke bwavyo bigaca biduzwa ibiciro ku rugero rwo hejuru.
Bamwe mu bize ivy’ubutunzi babona ko nyabuna ibiciro ku masoko bizimba bitava ku bantu ahubwo bivana n’ibintu biba bihari mu gihugu, iyo ari vyinshi , ibiciro birakoroka, iyo ari bike naho ibiciro bikaduga , iryo akaba ari itegeko ry’isoko . Ikindi ngo Perezida Ndayishimiye atokwirengagiza, nuko ibiciro vy’ibiribwa biduga nuko ifaranga ry’uburundi ryataye agaciro , iyo ritaye agaciro rero, n’ibirimwa biragabanuka.
Recent Comments