Ibirori bidasanzwe vyo gukwa biheruka kubera hano muri Dallas, Texas kuruno w’Imana uheze igenekerezo rya 15 zu kwicenda muruno mwaka turimwo ” 09/15/2013 ” vyari vyitabiriye abantu benshi kandi umunezero udasanzwe niwo waranga abari murivyo birori.
Nkuko abanyamakuru ba UBMNews batanga inkuru z’abarundi bose baba hano muri America bari bigereye murivyo birori, bagerageje kuganira nabari bavyitabiriye kuburyo abo baganiriye bose berekanye umunezero udasanzwe bongera bavuga ko banezerejwe nurwo rwaruka rugiye kubaka urugo muminsi irimbere.
Abanyamakuru ba UBMNews ndabasavye ntimumbaze ibintu mubona, namwe murabona ko haje abantu benshi cane, raba hano hantu ukuntu hatomoye gose, abantu bose bari hano ubaravye baranezerewe gose, nkanje hoho ndanezerewe bimwe birenze kandi nkaba nezerejwe nuru rwaruka muminsi rugiye gukora ubukwe ” Uwaganiriye na UBMNews atashimye ko amazina yiwe agaragara mubinyamakuru niwe yavuze uko .
UBMNews reka ibibutse ko Umusore yitwa ”Gustave ” ko ariwo yari yaje gukwa umukobwa aba hano muri Dallas, Texas abantu benshi bazi kwizina rya ”Vestine ” kandi amakuru yizewe twahawe numwe m’umuryango wuwo mukobwa avuga ko ubukwe bwabo ko buzoba igenekerezo rya 28 kigarama muruno mwaka turimwo ” 12/28/2013.
Ibirori vyarangiye mumahoro abantu bose bataha banezerewe ” raba amapica hano musi yukuntu ibintu vyose vyari bimeze ” Video yayo tuzayibashirira muminsi hano kuri UBMNews
Aha niho ibirori vyose vyabereye ” Dallas, Texas ” nkuko mubibona abantu bari benshi cane abandi bakaba bari hanze !
Umunyamakuru wa UBMNews nkuko mumubona ngaho kwi foto arikumwe nabaririnvyi rurangiranwa baba hano muri Leta Zunze Ubumwe za America, uwo ari hagati ni Young Dee umuririnvyi aba muri Fort Worth Texas, uwo nawe ni Methuselah Nzisabira umuririnvyi rurangiranwa aba hano muri Dallas, Texas azwi mundirimbo ya ” Turagushima Mana ” uwo nawe yambanye i Suit Yera ni umunyamakuru mukuru arongoye UBMNews.
Aba ni Abasore bari baherekeje umuhungu yari yagiye gukwa ” uwo mubona atangura niwo yari yagiye gukwa uwo nawe ari hagati agira gatatu ni Juma abantu benshi bakaba bamuzi mundirimbo ya ” Vumilia ”
Abantu bari benshi cane nkuko mubibona hano bari banezerewe cane bariko barakurikira uko ibirori bigenda.
Nkuko mumubona umunyamakuru wa UBMNews yari kumwe nabaririnvyi bindirimbo za Gospel baba hano muri Texas, uwo ari inyuma ni umusore aba muri Abilene, Texas abantu benshi bazi kwizina rya ” Bizi ”
Hano abahungu hamwe nabakobwa bose bariko baratamba umuziki DJ yari yabashiriyemwo !
Fredric nkuko mumubona hano yambaye i suit isukuye niwe yari yabaye DJ uwo musi ” UBMNews reka ibibutse kandi ko Fredric ari umwe mubarundi baba hano muri America bazi gusetsa cane ” Comedian
Claudine nkuko mumubona hano ” niwe mukobwa yanezereje abantu benshi cane uwo musi ” raba abantu bose muko bari nanezewe kubera we !
Twese hano twari dufise umunezero udasanzwe ” Umunyamakuru mukuru wa UBMNews yararikumwe na Methuselah, Young Dee hamwe na Bizi.
Abasore bari baherekeje umuhungu yaje gukwa aha bari kumurongo bari imbere yabantu.
Aba Pastor bavuze ijambo rikuru nabo mubona bahagaze, bariya bandi bicaye nabo nyene naba Pastor bari bitabiriye ivyo birori.
Ibirori vyarangiye mumahoro abantu bose bataha banezerewe ” Inkuru yanditswe na Eric Nyandwi
Recent Comments