Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsAl-Shabaab: Kenya bagabe kuko harahandi duhava dukora ikindi gitero '' Video iteye...

Al-Shabaab: Kenya bagabe kuko harahandi duhava dukora ikindi gitero ” Video iteye ubwoba

Igitero cabagize umugwi wa Al-Shabaab bakoze muri kenya gikomeje kuvugwaho ibintu vyinshi ariko nubwo biruko abantu bakaba baguma bibaza impanvu Al-Shabaab yahisemwo gutera iyo ngwano kugeza ubu imaze guhitana abantu barenga 68 abandi nabo bagera kuri 175 bakaba bakomeretse.

Mukiganiro umunyamakuru ” Jamal Osman ” yakoranye numuvugizi wa Al-Shabaab, yagerageje kubaza impanvu nyamakuru yatumye bakora ingwano muri Kenya, aho ikiganiro bakoranye cangeze kuno ( Twagisiguye mu Kirundi )

1

Jamal Osman: Kuki mwateye ingwano muri Kenya ?

Umuvugizi wa Al-Shabaab: Impanvu twateye ingwano nuko dushaka kurinda abantu bacu hamwe nigihugu cacu, abanya kenya nibo badutanguye kandi nubu nibo baguma badusotora, twebwe twabaye ababanyi beza ariko bobo nibo baguma batugwanya ubwo rero twahisemwo natwe kubereka ko dufise ububasha bwo kwirinda.

Jamal Osman: Mwishe abantu benshi bava mubihugu bitandukanye harimwo nabongereza ariko mwebwe ntabwo mutinya ibihugu bikomakomeye ko bishobora kubakurikirana ?

Umuvugizi wa Al-Shabaab: twarabwiye aba Kenya hamwe nabaguma bajayo bose ko tutazoshobora kubihanganira kuvyo bamaze kudukorera vyose kandi twebwe ntabwo dutinya ibihugu bikomakomeye harimwo na America ahubwo kenya nimba ishaka amahoro ireke ako karenganyo nahahandi tuzobereka.

Jamal Osman: Kuki mwashimye gutera ingwano mubicishije mumangazini ( Mall ) ya Westgate?

Umuvugizi wa Al-Shabaab: Nikubera aba Kenya hamwe numugambwe uri kubutegetsi aribo badutanguye, ni abansi bacu, bafashe batuma abantu babo muri Somalia kugirango babandanye baturwanya ubwo twebwe twahisemwo gutera muri Mall ya Westgate kuko tuzi neza ko ariho abantu benshi bazobabara cane, sinico gusa ikindi nuko yinjiza amahera menshi, abantu bajayo nibenshi kandi irya mangazine ( Mall ) iri hagati yigisagara ubwo twashaka ico tuzokora cose ko abakenya bose bazokimenya.

mauaji

Jamal Osman: Vyunvikana mubasirikare banyu ko harimwo numugore ?

Umuvugizi wa Al-Shabaab: Twebwe ntabwo dutwara abagore mungwano.

Jamal Osman: nigiki mwibaza kizobaho inyuma yibi mwakoze ?

Umuvugizi wa Al-Shabaab: Imana niyabikunda, twizera neza ko abakenya bose baza kuronka ubutumwa twashikanye kandi bamenye ko usheshe amaraso yuwundi nayawe ashobora guseseka.

Jamal Osman: Ubwo rero mwebwe muvuga ko abakenya bakwiye kubareka nimba bashaka amahoro ?

Umuvugizi wa Al-Shabaab: egome, nimba abakenya bashaka amahoro bisabwa bareke igihugu cacu.

Jamal Osman: Kuki none mwafashe mukica nabantu atari aba Kenya ?

Umuvugizi wa Al-Shabaab: Nimba hari abavuye mubindi bihugu baja gutembera muri Kenya bisabwa baveyo basubire mubihugu vyabo kuko baravye nabi ubuzima bwabo buzohasigara kandi abantu dushaka bamenye ko Kenya atari igihugu kirimwo umutekano kano kanya .

Nubwo umuvugizi wa Al-Shabaab yavuze ko muriyo ngwano ko atamugore numwe yarariyo, ubu ibinyamakuru bikomeye cane kwisi bitanga inkuru arivyo ( CNN, The Sun na IBTimes ) bimaze kuvuga ko uno mugore mubona hano kwifoto ko ari umwe mubasanzwe bagavye ico gitero co muri Kenya cabereye mu mangazine ya ( Mall, Westgate ).

Uno mugore aturuka mubwongereza azwi kwizina rya ” Samantha Lewthwaite ” birakekwa neza ko ari mubantu bagize Al-Shabaab bateye ingwano muri Kenya kugeza ubu vyunvikana ko hamaze gupfa abantu barenga 68 abandi nabo bagera kuri 175 bakaba bakomeretse.

Amazina ubu amazwe gushirwa ahagaragara yabakoze ico gitero naya hano

1. Sayd Nuh – 25
2. Ismael Galed – 23
3. Mustafa Noordiin – 24
4. Abdifatah Osman- 24
5. Kassim Musa – 22
6. Mohammed Badr – 24

UBMNews yifatanije nabo bose baburiye ababo murico gitero kandi Tukaba dusaba abantu bose ko mwobandanya kubashibira mumaboko Y’Imana .

Inkuru yanditswe na Eric Nyandwi ( Dallas, Texas → USA )

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments