Ivyo nivyavuzwe mu nama Prezida Tshisekedi Felix yagiranye n’abakuru mu gisirikare mu gihugu kibanyi ca Congo. Iyo nama ikaba yavuye kukunyinyurana hagati ya Prezida Tshisekedi n’uwo yasubiriye Prezida Kabila ubu barabana ayingwe.

Prezida Tshisekedi akaba ariko arondera kuronka abamushigikiye benshi bashobora kumufasha gutwara igihugu nkuko avyiyumvira, ivyo bikaba bidakunda mu gihe uwo yasubiriye afise abashingamateka benshi hamwe n’abashikiranganji benshi akaba kandi ari umusirikare yahoze kurugamba. Prezida Tshisekedi akaba atorohewe mu gufata ingingo.





Recent Comments