UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

President Paul Kagame yanka Kikwete urunuka ”Ibi n’Ibitutsi biteye isoni amutuka !

UBM News ads

Umukuru wigihugu cu Rwanda ” Paul Kagame ” hamwe numukuru w’igihugu ca Tanzania ” Kikwete ” ubu ntibunvikana nagato ndetse sinokwunvikana gusa kuko nogusuzugurana birimwo.

Uko kutunvikana rero kukaba kwavuye munama yabereye kumurwa Mukuru wa Ethiopia Addis Abeba aho Kikwete yabwira Kagame ko bogiranira ibiganiro na FDLR kugira amahoro aboneke hagati y’Urwanda na Congo.

Ibinyamakuru vyo muri Tanzania hamwe nabanyagihugu baho bakomejwe kubabazwa cane nibitutsi hamwe niterabwoba rya Kagame kubwumukuru wigihugu cabo aho munkuru nyishi zimaze imisi zisohoka zerekana neza ko batishimiye nivyo kagame avuga :

NASUBIRI WAKATI MWAFAKA WA KUMUONYESHA KIKWETE YA KWAMBA MIMI NI NANI”…..HILI NI TISHIO LA KIHUNI LA RAISI KAGAME KWA RAIS KIKWETE

” TANZANIA YAMJIBU RAIS KAGAME….YADAI IPO TAYARI KWA LOLOTE NA AKITHUBUTU ITAMCHAPA KAMA MTOTO ”

Aho tuberetse ukuntu ama TITLE yamagazeti yo muri Tanzania ukuntu ababajwe cane na kagame ukuntu aguma atuka President wa Tanzania kandi ataco amuhora.

Nkuko UBMNews dukurikiranira hafi ibijanye nabo bakuru bibihugu ” President wa Tanzania murino misi aherutse gushikiriza ijambo abanyagihugu nkuko yama abikora buri kwezi.

Abategesti b’Urwanda barantutse bimwe birenze urugero nyuma y’aho ndabagiriye inama ko bogiranira ibiganiro na FDLR kugira amahoro aboneke hagati y’Urwanda na Congo ariko icagiye kuntangaza cane nuko ico gihe umukuru w’Urwanda Paul Kagame twarikumwe ataco yavuze munama ariko yashitse mu gihugu ciwe haca hatangura gushikirizwa amajambo yokuntuka, uko rero akaba ariko President wa Tanzania Kikwete yavuze.

President wa Tanzania Jakaya kitwete yabandanyije avuga ko kubona ataco ataravuga ku Rwanda bidasigura ko ”atumva canke atabwirwa ibivugwa canke ngo atagira ico yovuga ariko ngo ntabikora kubera ko atabona inyungu yavyo”

Nivyukuri kikwete arakunda Urwanda bimwe bikomeye kuko yagize ati : leta Ndongoye turipfuza imigenderanire myiza n’ibihugu vyose Kandi nta na kimwe kirahinduka ku vyerekeye imigenderanire kugihugu c’urwanda.

Mukurangiza ino Nkuru reka Tubibutse ko intabwirwa ibwirwa nuko amaso atukuye kuko uravye ubuhanuzi Kikwete aha Kagame nubwingirakamaro ariko nubu ntituzi impanvu Kagame amusuzugura uko kwose.

Written by Eric Nyandwi, Dallas Texas

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments