Gusenga n’ibintu bikomeye kandi nivyo Imana idushakako kuko n’ikigwanishwa kinesha umwasi satani, ushobora kuvuga yuko usenga ariko nturonke gisubizo ariko unomusi Ndagira ngo nkubwire ko amasengesho yose usenga ko Imana iyumva iyo uyisengana umwete .
Ivyahishuriwe Yohana 8 :3-4 : Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotero c’izahabu, ahabwa imibavu myinshi ngw’ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ca gicaniro c’izahabu kir’imbere yiyo ntebe, Umwotsi w’umubavu uva mukuboko kw’umumarayika upfundukana n’ugusenga kw’abera imbere y’imana.
Witegereje neza dukurikije iryo jambo usanga Hari uburyo 3 Imana isubiza amasengesho yacu
Hari amasengesho usenga Imana igahita ivuga ati : ”EGO” iyo uravye no muri bible hari abasenze Imana igahita ibishura, ukarorero ni nka Hezekiya kubera gusenga Imana yahise imwongera iminsi yo kubaho kwisi kuko yari yamutumyeho imubwira ko iminsi yo kubaho kwiwe ko igiye kurangira hanyuma yinginga Imana ihita imwongera iminsi yo kubaho, Ariko wame wibuka mwene Data ko gusenga kwawe Imana yuko ikumva kuko Imana izi ivyo uyisaba vyose.
Hari igihe co kurindira ko Imana ikwishura kuko Imana yacu iba izi ahacu hejo kuko idukunda ntabwo ihita idusubiza ako kanya kubera yuko ibanza ikadutegura neza, ndabaha akarorero k’umukozi w’Imana witwa ANA ,Ana yarasenze Imana ibanza kumutegura, ararindira kugira ngo Imana itangure ikore niho Imana yahise imuha umwana w’umuhungu ariwe Samweli, Imana irashaka ko tuguma mu mwanya wayo kuko Imana ntabwo ikora kw’isaha y’abantu ahubwo ikora uko ibishaka.
Hari igihe Imana yishura “OYA” bitewe nuko umuntu yasavye nabi kuko ijambo ry’Imana muri yakobo 4:3 rivuga ngo murasaba ,ntimuhabwe,kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara. Bishatse kuvuga ko hari igihe usenga ushaka ama Dollar ariko ntuhite uyabona kuko Imana iba iraba ko niguha ayo mafaranga uyajana mu busambanyi n’ibindi vyose biteye isoni.
Muri make Amasengesho yose usenga Imana irayunva ariko ireka kukwishura ibibona ,ushobora kuvuga ngo urashaka imodoka Imana ikayikwima kuko iramutse iyiguhaye yahita ikwica canke ikakubera igikoresho co kwishyira hejuru. Imana iguhakanira kuko ikunda ubugingo bwawe,ushobora no gusaba inzu kugira ngo ukandagire bene wanyu n’ibindi vyinshi, ariko Imana mukuguha ikintu iraba ko nta mumaro vyakugirira aho niho rero ivuga ngo “Oya” kuko iba ibona ko ivyo usaba ari ibikwicira ubugingo aho kubukiza kuko Imana yacu idukunda .
Burya gusenga vy’ukuri ni inkoho yacu nk’abakristo kandi tugasengera mu kuri no muri Mpwemu yera kandi ukuri kuri mu mutima wacu. Ndagira ngo mbabwire bene data dukomeze gusenga Imana kugira ngo Imana ibashe kurema ivyananiranye kuko amasengesho yacu Imana irayumva tuza umutima uje imbere y’Imana kano kanya kugira ngo uyisabe ico wipfuza cose ariko wirinde amajwi ya satani yokubwira ngo Imana ntiyumva amasengesho yawe.
Kandi nidusenga tube abera mu mitima yacu kuko Imana dusenga ntabwo ari indyarya ahubwo ishaka ko tuba abera mu ngeso zacu zose, kandi amasengesho yacu adutere guhinduka mu mitima yacu, Imana iduhe kuyizera kuko Data wo mu ijuru afise vyose.
Mukunzi wankurikiye kunva kuntango kugeza kano kanya ndagira ngo nkubwire impamvu utariko ura bona ibisubizo vy’amasengesho yawe aka kanya, Imana iriko irategura inzira icishamwo ibisubizo vyawe; wewe nugume kumavi usenga kuko amasengesho usenga ntabwo ari impfagusa. Saba Imana kugira ngo ikongerere inguvu zo kurindira.
Recent Comments