Kuri uwu wa Kabiri , mu nama yariko ibera I Paris mu gihugu c-ubufaransa yerekeye ukuduza ubutunzi bwa Afrika muri iki gihe ca Covid19, Perezida Emmanuel Macron,umukuru w-ico gihugu yasavye ko amahinguriro y-incanco za Covid19 yemererwa kuja kuzikorera ku mugabane wa Afrika.
Mu gusozera iyo nama yari yatumiwemwo abakuru b-ibihugu bagera kuri 20, Perezida Macron yasavye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y-abantu kw-isi OMS, ishirahamwe mpuzamakungu ry-ubudandaji OMC, hamwe n-abajejwe gukingira ubumenyi muvy-ubuganga gukuraho icoba nk-inzitizi cobuza ko incanco nk-izo zohngurirwa k-umugabane wa Afrika. Umukuru w-igihugu c-ubufaransa yagabishije ko kudacanga abanyafrika bishobora gutuma ibindi bisanira vy-uwo mugera bikwirakwira kuri uyo mugabane mu nyuma bikatandukira isi.
Umukuru w-ikigega mpuzamakungu c-ubutunzi FMI, Kristalina Georgieva nawe yagabishije ko kunanirwa kwihutisha gucandaga umugabane wa afrika bizogira ingaruka kw-isi mbi k-ubutunzi.
Tubamenyeshe ko umugabane wa Afrika ari akarere kasigaye katarasinzikazwa cane n-ikiza ca covid19 ugereranije n-iyindi migabane yo kw-isi. Abantu 130.000 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n-ico kiza kuri uyo mugabane.





Recent Comments