UBM News ads

Perezida Varisito Ndayishimiye hari vyinshi bikimugoye mu bijanye n’intwaro yiwe, bivurwa na Faustin NDIKUMANA.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe buca harumana imyaka itatu Perezida Ndayishimiye amaze ku butegetsi, ngo hari vyinshi bikimugoye mu bijanye n’ubutegetsi bwiwe. Mu kiganiro caremeshejwe kuri uyu wa gatanu na Faustin Ndikumana yamenyesheje ko abo umukuru w’igihugu azeza amabanga abagena ku mvo za politike kandi usanga batanabishoboye.

Mw’ico kiganiro, Faustin Ndikumana yarakengurutse ibintu bibiri vyiza vyakozwe mu vy’ubutunzi mw’iki kiringo c’imyaka itatu Perezida Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Ica mbere ni ikijanye no gutunganya ikoraniro rijanye no kwerekeza uburundi mu mwaka wa 2040 nk’igihugu kizoba cifashe nayo mu mwaka wa 2060 uburundi bukazoba ari igihugu kiteye imbere. Ikindi Faustin Ndikumana ashima ni ikijanye no kuja gusaba imfashanyo mu kigega c’isi FMI aho ayo mafaranga azoza gufasha mu bijanye n’amafaranga mvamakungu amaze igihe ataboneka mu gihugu.

Ariko, uwo muhinga muvy’ubutunzi harivyo abona ko bikigoye mu ntwaro ya Perezida Ndayishimiye, aha akavuga nk’igisata c’ibiterwa njabukamazi nk’icayi n’ikawa bias n’ibitakizana amafaranga mvamakungu kuko umwimbu wavyo wagabanutse cane. Amafaranga y’agaciro kandi ntariko aboneka mu bisata vy’abamukerarugendo no mu butare nk’uko vyabandanije bishikirizwa n’uyo muhinga muvy’ubutunzi.

Faustin Ndikumana akabona intambamyi yindi nyamukuru ihanze ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye, iyo nayo ni iyijanye no kugena mu mabanga abantu ataco bashoboye kandi harabwe ivyiyumviro vya politike.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments