Perezida Sylvestre NTIBANTUNGANYA arashimishwa n-ibiriko bikorwa muri politike kuva amatora ya 2020 aheze.

0

Uwahoze arongoye uburundi Sylvestre NTIBANTUNGANYA abona ko hari ibitari bike bimaze gukorwa kuva amatora ya 2020 aheze kugira habeho icuka ciza mu gisata ca politike. Perezida NTIBANTUNGANYA yabivugiye mu kiganiro yagiranye n-iradiyo RSF BONESHA FM.Sylvestre Ntibantunganya - Alchetron, the free social encyclopedia

«Uravye inyuma y-amatora yabaye mu 2020, urabonako hari ibintu biriko birahinduka muri kino gihugu naho hatabura ibibazo» Niko Sylvestre NTIBANTUNGANYA asigura.

Uwo yarongoye igihugu c-uburundi mu kiringo kiri hafi c-imyaka ibiri hari ivyo afatirako mu kuvuga ko hari intambwe imaze guterwa muri politike. Aha akavuga nk-iyugururwa ry-amwe mu maradiyo yigenga yari yarugawe hamwe n-ikindi kijanye n-inagurwary-imigenderanire hagati ya Leta y-uburundi n-ibindi bihugu. Anabonako biboneka ko umukuru w-igihugu hariho ivyo yipfuza guhindura.