Perezida Ndayishimiye yongeye kwisubirako mu gusaba abagize Leta kwerekana ubutunzi bafise.

0

Mw-itangazo ry-inama nshikiranganji yakoranye kuwa 9 Ruheshi uy-umwaka ku murwa mukuru wa politike I Gitega, umuvugizi  wa Leta akaba ari nawe yasomye ivyizwe mw-iyo nama yamenyesheje ko  umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye asavye abashikiranganji ngo bamenyekanishe amatungo yabo  kuko ngo icari cabujije gushira mu ngiro ingingo ya 95 isanzwe iri mw-ibwirizwa shingiro ry-uburundi itegeka umukuru w-igihugu na Leta yiwe kwerekana amatungo yabo imbere yo kwinjira mu mabanga yabo ari uko  impapuro babikorerako zitari bwaboneke ko ubu  zabonetse ziza ziri muri sentare Ntahinyuzwa.Evariste Ndayishimiye: qui est le nouveau président du Burundi - BBC News  Afrique

Tubibutse ko perezida Ndayishimiye yari yavuzeko Leta yiwe yari yasanze iyo ngingo ya 95 iri mw-ibwirizwa shingiro idashobora kuja mu ngiro hari mu kiganiro yari yahaye abamenyeshamakuru kuwa 25 Nyakanga 2020 aho yariko ashikiriza ivyo Leta yiwe yaranguye inyuma y-imisi ijana ashikiye ubutegetsi. Ni mugihe ivyo yabishikirije asubiye ku ngingo yari yafashe kw-igenekerezo rya 23 Myandagaro 2020 aho nyene yari yategetse abagize Leta yiwe arongoye kwerekana amatungo yabo mu kiringo kitarenga indwi zibiri.

 

Bamwe n-abandi bahaye bibaza igituma umukuru w-igihugu c-uburundi yivuguruza incuro zibiri zose ku ngingo imwe bakibaza icoba kiri inyuma yavyo kuko ngo ntibitahuritse nagato kubona kizigenza mu barundi ananirwa no guhagarara bugabo ku ngingo aba yafashe.