Sunday, March 26, 2023
HomeNewsAbakozi baza Ambassade muri Afrika y-epfo harimwo ab-uburundi bagiye kwirukanwa.

Abakozi baza Ambassade muri Afrika y-epfo harimwo ab-uburundi bagiye kwirukanwa.

Nkuko tubikesha muri bimwe mu binyamakuru bikorera mu gihugu ca Afrika y-epfo, atumenyesha  kuva mu ntango z-uw-umwaka w-2021 , ikigo kijejwe gutoza amatagisi catangura kubona ko hari amafaranga atakicinjira mw-ico kigega ca Leta ku nzoga zisanzwe zigurishirizwa kimwe mu bibuga vy-indege vyo mw-ico gihugu.Afrique du Sud : l'ambassadeur Hawa Diakité présente ses lettres de créance  au président Ramaphosa

Niho ico kigo kijejwe gutoza amatagisi caciye gitangura gukora amatohoza yimbitse mu kiringo c-amezi abiri kibifashijwemwo n-igipolisi kidasanzwe co mw-ico gihugu niko guhava izo nzego zibiri zihuriza ko bamwe mu bakozi bakorera mu buserukizi bw-ibihugu bitandukanye vya Afrika mw-ico gihugu boba bakoresha ububasha bahabwa n-akazi bakora mu kugura inzoga z-injabuka ku kibuga c-indege kiri ahitwa wonderboom kiri mu gisagara ca Pretoria mu nyuma bagaca baja kuzigurisha mu maduka yabo ngo bageze muhira.

Izo nzego kwari zibiri zimaze kuronka ivyemezo birashe ku matohoza zakoze zasanze igihugu ca Afrika y-epfo  carahomvye amatagisi  aharurwa mu mamiriyoni y-amadorari y-abanyamerika.

Mu kwezi kwa kane kw-uw-umwaka turimwo, umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu wa Afrika y-epfo yaciye amenyesha ko ubuserukizi bw-uburundi muri Afrika y-epfo bwakozweko n-amatohoza kandi ko  bagiye kwirukana abarundi bagirizwa ubwo bunyonyezi guhera mu ntango z-ukwezi kwa gatandatu uw-umwaka w-2021.

Tubamenyeshe ko  abakozi b-ubuserukizi bw-ibihugu vya Afrika mu gihugu ca Afrika bagirizwa ubwo bunyonyezi bose hamwe ni amajana abiri bakaba baturuka mu bihugu vya Guinnee Connackry, Ghana, Lesotho, Malawi, Urwanda n-uburundi.

Must Read