Umukuru w-igihugu c-uburundi yakiriye kuri uyu wa kabiri ku kirimba ciwe kiri i Gitega intumwa zarungitswe na mugenzi we w-urwanda , Paul Kagame. Izo ntumwa zari zirongowe n-umushikiranganji wo kwivuna abansi w-urwanda.
Nkuko bivurwa n-umuvugizi w-umukuru w-igihugu c-uburundi, Izo ntumwa ngo zari zazaniye umukuru w-igihugu c-uburundi ubutumwa bwo mw-ibanga bwa mugenzi we Paul Kagame w-urwanda bugamije gusubira kunywana kw-ivyo bihugu bibiri bibanyi.
Urwo rugendo rubaye inyuma y-imisi mike umushikiranganji w-ubutungane w-uburundi , Domine Banyankimbona yakiriwe na mugenzi we w-urwanda , hari kuwa 25 Ruhuhuma 2022.





Recent Comments