Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsFNSEEB ibona ko ikibazo giheruka gukorwa ku bigisha ata kamaro gifise...

FNSEEB ibona ko ikibazo giheruka gukorwa ku bigisha ata kamaro gifise atari ugucafuza ishusho yabo.

Ikibazo cakozwe n-abigisha ku musi wa gatanu w-indwi iheze kugira hatorwe abazotanga inyigisho nkarisha bwenge caranzwe n-amahinyu menshi congera gitera uruhagarara  mu bigisha.Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n-uwurongoye urunani rw-amasendika ahurikiye mu gisata c-indero n-inyigisho mu Burundi FNSEEB mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru. Antoine Manuma amenyesha ko ico kibazo ata kamaro gifise uretse ko ari ugucafuza ishusho y-abigisha. Asaba ko amanota bazoronka atofatirwako mu kubarungika muri izo nyigisho.« Nous étions en conflit ouvert avec la Cossessona »

Antoine Manuma arerekana utunenge twaranze ico kibazo :« Ubwa mbere ico kibazo cateye uruhagarara  mu bigisha  kuko batashoboye kucitegurira bikwiye batabona iyo bahera  niyo bahere. Bitayeko bari baraciyamirije. Abigisha bakibonyemwo agasuzuguro , kandi uravye amasanamu yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi  ntibarira busema kuko acafuza ishusho y-umurezi. Ubwa kabiri, naho ubushikiranganji bw-indero bwahisemwo gukoresha inguvu kugira ico kibazo gikorwa, nta hangiro riboneka cari kigamije kuko abigisha babajijwe ikibazo kimwe kandi batigisha mu mashure amwe. Ndetse n-ivyirwa bigisha si bimwe eka n-ubuhinga bwo kuvyigisha si bumwe.  Amanota bazoronka rero ntiyoba ifatiro kugira babagereranye . ubwa gatatu, ibibazo bimwe bimwe abo bigisha babajijwe bifatiye kuvyo bize mu mashure ariko badakoresha mu kazi kabo ka misi yose.»

Uwo arongoye FNSEEB abandanya amenyesha kandi amafaranga yakoreshejwe mw-ico kibazo ku bigisha yari gukoreshwa mu bindi igisata c-indero n-inyigisho mu Burundi bikeneye cane  iki gihe.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments