Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeTrendingPerezida Ndayishimiye mu ba ″généraux‟ bane bapfukamye igihugu mu nda .

Perezida Ndayishimiye mu ba ″généraux‟ bane bapfukamye igihugu mu nda [La Libre Afrique].

Bamwe mu bategetsi b’uburundi bafise ipete rya ″général‟ baratungwa agatoke kuba aribo baboheye amaboko i mugongo abarundi n’uburundi . Nkuko tubisoma mu kinyamakuru La Libre Afrique co mu gihugu c’ububirigi, Abo bategetsi bo hejuru mu kwihagira ubutunzi bw’abarundi, haza kw’isonga umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye, Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca, Prime Niyongabo arongoye ibiro vya gisirikare hamwe na Ildephonse Habarurema arongoye urwego rw’iperereza.

Nkuko La Libre Afrique ibivuga, Perezida Ndayishimiye yihisha inyuma y’umutambukanyi wiwe n’uruvyaro rwiwe muguhisha amanyanga akora mu kunyonora itunga ry’igihugu. Duhereye ku mutambukanyi wiwe, Angeline Ndayishimiye , Ico kinyamakuru gitanga akarorero k’ishirahamwe UMUGIRANEZA ry’uwo Angeline Ndayishimiye , ishirahamwe ryigisha abakenyezi n’abigeme bimirije kuja gukora ubuzi bwo mu nzu mu bihugu vy’abarabu. Aho , Iryo shirahamwe rikaba ritangisha amadorare y’abanyamerika angana 400 ku muntu umwumwe ahanini abo bakenyezi n’abigeme bakabigisha amajambo amwamwe mu kirimi c’icarabu. Ku ruhande rw’uruvyaro rw’umukuru w’igihugu, La Libre Afrique itanga akarorero ku mukobwa wa Evariste Ndayishimiye yitwa Navie Kelly afise ishirahamwe ryitwa BENE NTARE rikora amasuku no gukinjika . Iryo shirahamwe akaba ari naryo ryanahawe isoko ryo gusukura no kugaburira abakorera ku kirimba c’umukuru w’igihugu NTARE HOUSE. La Libre Afrique iravuga kandi abandi bana babiri b’umukuru w’igihugu aribo James na Alouine bashinze ishirahamwe Line Electronic Technology risigaye ryiharije amasoko nka yose ya Leta. Ni nabo kandi bigaruriye amashirahamwe ajejwe ivyo gutigira nka Lydia Ludic hamwe n’ishirahamwe LONA.

Uwundi avugwa mw’ubwo bunyonyezi bw’ubutunzi bw’igihugu ni Gervais Ndirakobuca asanzwe ari umushikiranganji wa mbere , Uwo niwe ajejwe kugenzura ibikorwa vyo gushinga no gukwirikirana amakoperative, ibikorwa akora agamije kunyuruza amafaranga yabigenewe kuko nkuko La Libre Afrique ibivuga, uwo mutegetsi ahakura amacumi Atari make y’ama miriyoni y’amafaranga y’amanyaburaya.

Uwundi mutegetsi agira gatatu ari mw’uwo murwi w’abasirikare b’ipete rya Jenerali apfukamye igihugu mu nda ni Prime Niyongabo arongoye ibiro bikuru vya gisirikare , uyo nawe akoresha igihagararo afise mu kuzuruma buri kwezi amadorare y’abanyamerika 200 ku musirikare wese wese w’uburundi yarungitswe mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bihugu vya somaliya na Centrafrika , Amafaranga yongera akanyotorwa n’ibanki nkuru y’igihugu BRB nayonyene yikinga mu kiza mu kuronsa abo basirikare ubushirukabute mu mafaranga y’amarundi ibiheza baca batakaza ibice 40% y’ayo bategerezwa kuronka.

Uwa nyuma avurwa muri ubwo busuma bukorwa n’abategetsi bo hejuru , ni Gen. Ildephonse Habarurema batazira King-Kong arongoye urwego rw’iperereza . Uyo nawe akaba akorana n’abo batatu bambere mu gupfukama mu nda abo bari bajejwe gukingira no kuronderera ineza. Inama zingene bagabanganya ibisata bakoreramwo mu kunyonora ayo mafaranga zikaba ngo zikorwa akarenga kabiri buri Kwezi.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments