Mu kiganiro yagiranye n-abarundi baba mu gihugu c-ububirigi no mu micungararo yaho kuwa 19 Ruhuhuma 2022, Umukuru w-igihugu c-uburundi , Varisito Ndayishimiye yavuze ko kuburanya Leta ari ukwihenda cane kuko ubutungane bwegukira iyo Leta nyene. Bamwe n-abandi bati babona ko iyo mvugo ya Perezida Varisito Ndayishimiye idahumuriza mu gihe ubutungane aribwo bwari ubuhungiro ku barundi bose bafise ico bagiriza Leta iba yabakoreye.
Mw-ico kiganiro Perezida Ndayishimiye yagiranye i Bruxelles mu bubirigi n-abarundi bahatuye , Yagize ati :«Harya ugiye kuburanya Leta uba wihenze nuko gusa nabo bacamanza batari babizi . Mpora ndabibabwira bagatwenga bakuma.None wewe Leta yoba ikuriye ugaca uja kwitwara muri Leta nyene? Erega ubucamanza ni ubwa Leta nyene. C’est une institution de l’Etat. Kera bari bazi yuko Leta ari urya murwi w-abashikiranganji , mwaca muja kuburana n-irya sosiyete mais Leta nticumura»
Naho Perezida Ndayishimiye avuga ukwo, biraboneka afise imvugo zibiri z-ibihushane ku bijanye n-igisata c-ubutungane. Hamwe avuga ko abacamanza aribo ntandaro y-amabi yose ariko ashikira igihugu c-uburundi , ahandi akabwira abantu ko ata muntu aburanya Leta kuko aba yihenze cane kandi bisanzwe bizwi ko ibwirizwa shingiro ry-uburundi ritegekanya ubwigenge bw-ico gisata nkuko tubisanga mu ngingo yaryo ya 210 agace kayo ka 1 , ivuga riti :« Mu gihugu cose , sentare nizo zica imanza kw-izina ry-abarundi bose ».





Recent Comments