Friday, December 2, 2022
HomeNewsPerezida Ndayishimiye abona ko Umukuru w’igihugu yemerewe kurenga amategeko.

Perezida Ndayishimiye abona ko Umukuru w’igihugu yemerewe kurenga amategeko.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye abona umukuru w’igihugu yemerewe kurenga amategeko. Varisito Ndayishimiye yabivuze igihe yariko agirana inama n’abarongoye amadini atandukanye hari ku musi wa kane w’indwi iheze. Uwo asanzwe arongoye uburundi yatanze akarorero k’igihe aba agiriye ikigongwe uwaciriwe urubanza, bica biza gusigura ko aba ari hejuru y’ubutungane.

Perezida Ndayishimiye yabivuze uku :”Mbe murazi ikintu abacamanza bama bita ngo ninjiriye ubutungane?jewe nyene bakavuga ko ninjiriye ubutungane , nuko nagize Imana nkaba ndi umunyamategeko nca ndabasokororera ibwirizwashingiro basoma amategeko (…)nca ndababwira nti burya mwari muziko umukuru w’igihugu yemerewe kurenga amategeko?kandi nkivyo abantu ntibanabitegera ntibanavyumva, Umukuru w’igihugu afise uburenganzira bwogutanga ikigongwe iyo urubanza bararuca neza waramenje bakavuga bati uyu azopfungwa ubuzima bwiwe bwose , umukuru w’igihugu agaca aza ndakugiriye ikigongwe aha ntaba arenze amategeko?”

Bamwe n’abandi basanzwe barize ivy’amategeko , babona ko ububasha Umukuru w’igihugu ahabwa n’ibwirizwashingiro ataho buhuriye no guca kubiri n’amategeko. Kubwabo, Bavuga ko umukuru w’igihugu yategerezwa gukwirikiza amategeko y’igihugu atabikoze naho agakubitwa intahe mu gahanga.Ikindi abo bize ivy’amategeko bavuga ko amajambo nkayo aba avuye mu kanwa ku mukuru w’igihugu aza guhuvya abanyagihugu arongoye iyo bituye ubutungane barenganijwe.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...