Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsPerezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora yimirije.

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora yimirije.

Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo kubera intambara iri hagati y’umuhari wa M23 hamwe n’igisirikare ca Leta, FARDC, kugira ngo yunguruze amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba mu mwaka wa 2023. Perezida Paul Kagame yabitangaje kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2022 imbere y’inama nshingamateka y’igihugu c’urwanda.

Mw’ijambo ryiwe, Paul Kagame yarerekanye ko Perezida Tshisekedi bimugoye gutorera umuti ibibazo bihanze igihugu ciwe ko rero ariyo mpamvu aguma yitwaza urwanda ko arirwo ruriko ruhungabanya umutekano mu buseruko bwa congo rwihishije inyuma y’umuhari M23. Perezida w’Urwanda yarongeye aravuga ko Perezida wa Congo ,Felix Tshisekedi atigeze atsinda amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka wa 2018.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru co mu gihugu ca Kenya, The East African, Uwo arongoye igihugu c’urwanda ugerageje kwumva ijambo ryiwe, yasa nuwushimangira cane ku kuntu igihugu ca Congo cashize umutima ku kibazo ca M23 gusa kandi hasanzwe hari iyindi mihari irwana irenga 400 harimwo na FDLR isanzwe irwanya Leta y’urwanda.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....