Sunday, March 26, 2023
HomeInternational news"Kurwanya Urwanda ,uba urwanije Uganda" Gen. Muhoozi, umuhungu wa perezida Museveni.

“Kurwanya Urwanda ,uba urwanije Uganda” Gen. Muhoozi, umuhungu wa perezida Museveni.

Uwurongoye igisirikare ca Uganda kirwanira hasi , Gen.Muhoozi Kainerugaba akanaba kandi ari umuhungu wa Perezida Museveni yaraye yongeye kuvuga ayandi majambo yababaje abakongomani aho iyo intwazangabo yerekanye n’ubu ko ari akadasohoka na Perezida w’urwanda ,Paul Kagame. Muhoozi akaba yabwiye abipfuza kurwanya igihugu c’urwanda ko boba bihenze cane kuko boba barwanije n’igihugu ciwe ca Uganda.

Nkuko amaze imisi yandika ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Muhoozi agira ati:”Ndi jenerari wa UPDF afise inyenyeri zine. Hariho ibintu bike kw’iy’isi ntari maze kubona. Mugabo ndidogera abasuzugura data wacu , jenerari Kagame. Kurwanya urwanda , uba urwanije Uganda”
Abatari bake mu banyagihugu b’abakongomani bafata igihugu c’urwanda nk’umwansi wabo yavogereye ico gihugu yinyegeje inyuma y’umuhari M23, bakaba bababajwe n’ayo majambo yashikirijwe n’uwo muhungu wa Perezida wa Uganda.

Ubuheruka ejo bundi mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo, Gen.Muhoozi Kainerugaba yatangaje ko umuhari M23 nyabuna utakwiye kwitwa umuhari w’iterabwoba nkuko abategetsi ba Congo bamaze imisi bawita ko ahubwo uwo muhari uriko urwanira uburenganzira bw’abatutsi muri Congo.

Must Read