PARCEM, rimwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike yari yarahagaritswe ryuguruwe.

0

Inyuma y-umwaka umwe n-amezi cumi ribujijwe gukorera k-ubutaka bw-uburundi, ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo PARCEM  ryemerewe gusubira gukorera k-umugaragaro.IWACU English News | The voices of Burundi – PARCEM deplores Burundi  government delay in submitting budget bill

Kubw-iyo ngingo y-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu yo kwugurura iryo shirahamwe, Faustin NDIKUMANA arirongoye  arashimishwa n-iyo ngingo y-uko bagiye gusubira kukorera k-umugaragaro akanamenyesha ko agiye kwongereza inguvu mu kurwanya igiturire no guhimiriza abarundi ngo bahindure ingendo ku neza y-iterambere  ry-igihugu.

Tubibutse ko ishirahamwe PARCEM  ryari ryahgaritswe kuwa 3 Ruheshi 2019 ryagirizwa gucapfuza igihugu n-abakirongoye.