Papa Francisco asaba abakora ibirwanisho kubihagarika maze haboneke amahoro kw-isi.

0

Umwungere wa Ekleziya katolika kw-isi Papa Francisco asaba abakora ibirwanisho kubihagarika.Papa francisco yabivuze kuri uyu w-Imana igihe yari yagiye gusabira abapfuye bose  hari mw-itongo ry-abapfuye rya gisirikare ry-abafaransa  riri ku gasozi Monte Mario , mu gisagara c-i Roma .Arrêtez-vous, fabricants d'armes !", lance le Pape depuis le cimetière  militaire français de Rome

Mw-ijambo rigufi yahavugiye  yavuze ati :ˮ Aya ni amahano y-intambara, Ariko koko turwana bihagije kugira turangize intambara , ku buryo ubutunzi bwo kw-isi butagendera ku mahinguriro akora ibirwanisho? Izi mva ni ubutumwa bw-amahoro. Bavukanyi, bashiki bacu , ni muhagarike. Mwe mukora ibirwanisho ni mubihagarike . Intambara zangaza abana b-igihugu‟

Itongo ry-abapfuye riri ku gasozi ka Monte Maria rishinguwemwo abasirikare bagera kuri 1900 b-abafaransa hamwe n-abaturuka mu gihugu ca Maroc barwana mu ngabo z-ubufaransa baguye ku rugamba rw-intambara ya kabiri y-isi yose mu butariyano hari mu mwaka w-1994.

Tubamenyeshe ko atari irya  mbere agendeye itongo ry-abapfuye rya gisirikare ku musi wo gusabira abapfuye bose, umusi ukurikira uw-abatagatifu  bose ba Ekleziya ktorika . Mu mwaka w-2014, Papa Francisco yagiye mw-itongo ry-abapfuye rya gisirikare riri ahitwa i Redipuglia, mu buraruko bw-ubutariyano, ahahambwe abasirikare barenga 100.000 baguye mu ntambara y mbere y-isi yose. Ubukwirikira mu mwaka w-2017, yagendeye itongo riri ahitwa Nettuno , mu burengero bw-ubutariyano , ahahambwe abasirikare b-abanyamerika barenga 78.000  bapfiriye ku butaka bw-ubutariyano mu ntambara ya kabiri y-isi yose.