Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsCibitoke: Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu inyuma y-ibiziga vyinshi biguma bihatorwa.

Cibitoke: Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu inyuma y-ibiziga vyinshi biguma bihatorwa.

Abanyagihugu b-intara ya Cibitoke bavuga ko batewe umutima uhagaze n-ibiziga vy-abantu biguma bitorwa mu makomine atandukanye agize iyo ntara. Bakongera bakamenyesha ko kubona ibiziga vyatawe mu nzuzi , mu mashamba  hamwe n-ahandi vyasubiye kuba ndanse vyerekana ko ubwicanyi bwasubiye kwimonogoza  mu gihugu.Le «phénomène des cadavres» s'amplifie – IWACU

Mu kiringo kitarenga  c-indwi zibiri gusa hamaze gutorwa mu ntara ya Cibitoke ibiziga 14. Kuri uyu w-Imana hakaba hatowe ibiziga bine vyari vyamaze kwononekara kandi biboshe hari  ku musozi Mparambo muri komine Rugombo, N-ikindi kiziga kikaba catowe imbere hafi y-uruzi Rusizi rugabura uburundi n-igihugu ca Congo.

Bamwe mu bajejwe intwaro mw-iyo ntara  naho batabivugira hejuru baremeza ayo makuru y-ivyo biziga biguma bitorwa ndetse bakavuga ko abo bantu bicirwa ahandi maze bakaza gutabwa mu makomine agize iyo ntara ya Cibitoke.

Tubamenyeshe ko kuva umwaka w-2021 utanguye , ibiziga birenga 60 bimaze gutorwa ku nkengera y-uruzi Rusizi  ku micamo y-amakomine ya Rugombo na Buganda mu ntara ya Cibitoke . Amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina nayone amenyesha ko atewe ubwoba n-iryo torwa ry-ibiziga ryasubiye kwibonekeza mw-iyo ntara, bakamenyesha ahubwo ko abo baguma batorwa ibiziga bashobora kuba ari abamaze imisi baburwa irengero babanjwe gufatwa na bamwe bari mu nzego z-iperereza, igipolisi hamwe n-imbonerakure.

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments