Abanyagihugu b-intara ya Cibitoke bavuga ko batewe umutima uhagaze n-ibiziga vy-abantu biguma bitorwa mu makomine atandukanye agize iyo ntara. Bakongera bakamenyesha ko kubona ibiziga vyatawe mu nzuzi , mu mashamba hamwe n-ahandi vyasubiye kuba ndanse vyerekana ko ubwicanyi bwasubiye kwimonogoza mu gihugu.
Mu kiringo kitarenga c-indwi zibiri gusa hamaze gutorwa mu ntara ya Cibitoke ibiziga 14. Kuri uyu w-Imana hakaba hatowe ibiziga bine vyari vyamaze kwononekara kandi biboshe hari ku musozi Mparambo muri komine Rugombo, N-ikindi kiziga kikaba catowe imbere hafi y-uruzi Rusizi rugabura uburundi n-igihugu ca Congo.
Bamwe mu bajejwe intwaro mw-iyo ntara naho batabivugira hejuru baremeza ayo makuru y-ivyo biziga biguma bitorwa ndetse bakavuga ko abo bantu bicirwa ahandi maze bakaza gutabwa mu makomine agize iyo ntara ya Cibitoke.
Tubamenyeshe ko kuva umwaka w-2021 utanguye , ibiziga birenga 60 bimaze gutorwa ku nkengera y-uruzi Rusizi ku micamo y-amakomine ya Rugombo na Buganda mu ntara ya Cibitoke . Amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina nayone amenyesha ko atewe ubwoba n-iryo torwa ry-ibiziga ryasubiye kwibonekeza mw-iyo ntara, bakamenyesha ahubwo ko abo baguma batorwa ibiziga bashobora kuba ari abamaze imisi baburwa irengero babanjwe gufatwa na bamwe bari mu nzego z-iperereza, igipolisi hamwe n-imbonerakure.
Recent Comments