UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

ONU imenyesha ko yipfuza kwongereza abasirikare b-abarundi bari MUNISCA.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryipfuza kwongereza ibitigiri vy-abasirikare  b-abarundi  bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n-umutekano muri Republika Centrafrika.

Icegera c-umunyabanga mukuru wa ONU ajejwe ibikorwa vyo kugarukana amahoro no kubumbatira umutekano, Jean-Pierre LACROIX ari mu rugendo kubonana n-abategetsi b-uburundi barimwo n-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye.

Bubicishije ku rubuga rwa Twitter, Ubushikiranganji bw-imigenderanire n-ayandi makungu bwamenyesheje ko LACROIX n-umushikiranganji Albert Shingiro baganiriye ku bijanye n-ukuntu uburundi buterera agacumu k-ubumwe mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n-umutekano .Ibihugu vya Somaliya hamwe na Republika centrafrika akaba arivyo bahagazeko mw-ico kiganiro bagiraniye.

Kuri uyu wa mbere, LACROIX akaba yakiriwe n-umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni, uwo yavuzeko ingendo y-uburundi yo kurungika inteko z-abasirikare gufasha mu bindi bihugu iterwa n-imvo zibiri nkuru : ˮKubera ONU itigeze itererana uburundi mu bihe vy-amagume hamwe nuko ari umuco w-abarundi wo gutabara ababanyi iyo  bagize ingorane‟. Umuvugizi mu biro vy-umushikiranganji wa mbere yaciye amenyesha ko ONU yatumye uwo mukozi wayo mukuru gusaba uburundi kwongereza ibitigiri vy-abasirikare baja muri Centrafrika.MINISTERE DE LA DEFENSE NATIONALE ET DES ANCIENS COMBATTANTS | MDNAC

Inyuma y-umutaga wo kuri uyu wa mbere, uwo mutegetsi wo muri ONU yahawe umubonano na Perezida Ndayishimiye .Asohotse, LACROIX yavuze ati :ˮNaronse akanya ko gukeza uburundi ku kigoro bukora cane na cane cane ku vyerekeye guhagarika guhagarika intambara vyabaye muri Centrafrika mu misi iheze.Mu guhagararira amahoro, Abasrikare b-abarundi batanze ikiguzi gikomeye‟

Tubamenyeshe ko naho ONU iriko isaba uburundi kwongereza inteko z-abasirikare baja kugarukana amahoro n-umutekano muri Centrafrika, iryo shirahamwe mpuzamakungu ryahagaritse kuva mu kwezi kwa Ruheshi 2016, Amasezerano yo gufashanya n-igipolisi c-ico gihugu cari ica gatatu kw-isi mubirungika abapolisi benshi muri bene ivyo bikorwa kugera ico gihe inyuma y-ibihugu vya Cameroun, na Congo Brazzaville. ONU yafashe iyo ngingo inyuma y-amaraporo y-amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu  yerekanye ko abapolisi b-abarundi bahohoteye abatavuga rumwe  n-ubutegetsi cane cane mu gihe c-imyerekano yo mu 2015 yo kwiyamiriza ikiringo ca Gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza cateye impari uwo mwaka.Kugeza ubu, uburundi burungika muri centrafrika abasirikare bagera kuri 884.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments