Habonetse ico bita isoko rishasha ku bafise ibintu batagikoresha.
Muriyo soko ngo hagurirwa ivyambarwa, ibikoresho vyo mu nzu, intebe, terefone, imashini nyabwonko canke ikindi cose kitagikoreshwa.
Nyenevyo iyo yumvikanye igiciro cavyo na bene iyo soko,baraheza bakabimudandariza hanyuma agatwara ibice 60% nabo 40% ariwe yabibazaniye aho bakorera. Mu gihe aribo bagiye kuvyitorera, bakagabura 50-50.
Ivyo bikaba vyavugiwe mu kiganiro c’ukwugurura ibikorwa ku mugaragaro ishirahamwe MOFAV (Maison d’orientation et de facilitation de vente) kuri uyu wa 9 Ndamukiza mu nyubakwa za Agora aho iryo shirahamwe risanzwe rikorera.
Floriane Mugisha asanzwe arongoye iryo shirahamwe abandanya agira ati ” Iciyumviro caje tumaze kubona ko benshi bakoresha ibintu, mu nyuma bakabura ico babikoza bikavamwo bikabora canke bikabungirwa muhira. Kuwotwitiranya n’aba commissionnaire yoba yihenze cane kuko twe kiretse ko dufise aho dukorera hazwi, umu client niwe yishingira igiciro c’ivyo azanye.” Twibukanye ko hambavu yabo hari n’abandi ba commissionnaires bakorera muco bise NTUMA NGENDE aha nyene i Bujumbura.
Recent Comments