Inyuma y’aho urwego rw’umutekano rushikiririje umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza icegeranyo c’uko umutekano wagenze muri uyu mwaka w’2013, urwo rwego rwarashimiwe n’umukuru w’igihugu ku bikorwa vyaranguwe cokimwe n’urwego rw’ubutungane mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu Burundi.
Mu mubonano n’abategetsi b’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi hamwe n’ubushikiranganji bw’umutekano, umukuru w’igihugu akaba yaramenyesheje ko amahoro n’umutekano biriho mu Burundi kandi ko atari agaseseshwa rumiri, ivyo bigashimirwa urwego rw’umutekano, rwo rwakoze birashimwa mu guhagararira umutekano, abafise agatima ko gutoba nabo, bakabura amayira, abandi nabo bakaba bagiye barafatwa ivyo bigaca bituma n’abandi baba bafise agatima ko gutoba umutekano, baca batinya.
Umukuru w’igihugu rero akaba yamenyesheje ko ku bw’uyo mutekano urangwa mu Burundi, vyatumye igihugu cakira inama mpuzamakungu atari nke muri uyu mwaka w’2013, eka ndetse akaba anavuga ko hari n’ishirahamwe mpuzamakungu buca rishira umukono ku masezerano yo gucukura ubutare bwa Nickel i Musongati nk’uko yabandanije abimenyesha.
Umukuru w’igihugu asaba ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, umutekano hamwe n’ubw’ubutungane kuza buramenyekanisha mu binyamakuru n’amaradiyo ivyo bakora, kuko ubwo bushikiranganji bukora ibikora inka nk’uko yabandanije abishikiriza muri iyo nama. Umukuru w’igihugu akaba asaba abo muri ubwo bushikiranganji gushira ku mugaragaro ibikorwa vyiza vyabo, mu ntumbero yo kuburizamwo inkozi z’ibibi zose iyo zoba ziri hose. Asaba inzego z’umutekano kubandanya ukwo nyene, ndetse bagwize n’inguvu muri uyu mwaka w’2014 buca dutangura, mu gukorana neza n’abanyagihugu hamwe n’intwaro.
Tukaba twobamenyesha ko muri ico cegeranyo cashikirijwe umukuru w’igihugu c’ivyaranguwe mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’umutekano ari nk’abari muri izo nzego bashika 433 birukanywe kuba batari bakwije ibisabwa n’amategeko, imirwi 107 y’abitwaje ibirwanisho yasambuwe, abasuma bakaruhariwe 500 bafashwe hamwe n’abumvirijwe 1629 kubashika ku bantu 1900 bafise amadosiye mu nzego z’umutekano.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments