Ni igiki kikibujije ko hugururwa imbibe ziri hagati y-uburundi n-urwanda?

0

Naho hari intambwe Leta y-uburundi ivuga ko  imaze gushikwako ku bijanye n-imigenderanire  iri hagati y-uburundi n-urwanda,  Bamwe n-abandi baracabona ko hakiri iyindi ntambwe ikomeye itaraterwa,iyo nayo ni iyijanye no kwugurura imbibe ziri hagati y-ivyo bihugu maze uruja n-uruza rw-abantu hamwe n-ibidandazwa rusubire kuboneka cane nkuko vyari bimeze imbere yo mu mwaka w-2015.Pins Burundi-Rwanda | Friendship Pins Burundi-XXX | Flags B | Crossed Flag Pins Shop

Abajijwe kw-ico kibazo mu kiganiro c-abavugizi b-inzego za Leta bagiriraniye n-abamenyeshakuru kuri uyu wa gatanu hari mu ntara ya Karuzi, Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-imigenderanire n-ayandi makungu Sonia Niyubahwe asigura ko hariho ivyo uburundi bwasavye igihugu c-urwanda bitaraja mu ngiro nko gutanga abagerageje guhirika ubutegetsi  mu mwaka w-2015, bahungiye muri ico gihugu  ari naco gituma imbibe zitarugurwa ziri hagati y-ivyo bihugu.

Muvyo Leta y-uburundi imaze gukenguruka mu bimaze gukorwa n-igihugu c-urwanda ni nko gutanga abarwanyi 19 b-umuhari RED-TABARA kuri Leta y-uburundi, gufasha impunzi z-abarundi zahungiye mw-ico gihugu zigataha ari ukwo zivyishakiye, hamwe n-urugendo rw-umushikiranganji wa mbere w-urwanda aheruka gukora mu Burundi kuwa 1 Mukakaro igihe uburundi bwahimbaza imyaka 59 ihaciye buronse intahe yo kwikukira.

Twobibutsa ko imigenderanire y-ivyo bihugu bibiri bibanyi yatosekaye kuva mu mwaka w-2015 aho hadukiye indyane za politike zitewe n-ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza, Urwanda rwaciye rwagirizwa na Leta y-uburundi  ko ruhaye indaro abagerageje gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 hamwe no kwigisha ivya gisirikare abarundi bahungiye mw-ico gihugu maze baze gutera uburundi.